Mu Burundi hari imigwi y’abantu bitwaje imipanga imbugita imaze iminsi itemagura abantu ku mugwa mukuru w’intara ya Ruyigi, biri ku murindi ukabije.
Ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 23/02/2024 hari umunyagihugu yitwa Oscar Mbonihankuye aba muri karatiye sanzu3 , ku mugwa mukuru w’iyo ntara yatemaguwe nabo bagizi ba nabi, arakomereka cane, hari nk’igihe c’isaha zine n’igice z’ijoro ( 22h30mn) bakaba bamutegereye ariko ataha murugo iwe.
Muriryo joro nyene hari n’uwundi musore yitwa audace ndikuriyo, yahatswe kugandagurwa bunyamaswa n’abantu bitwaje imipanga imbugita, udufuni, babimukubise mumutwe, aca arata ubwenge, babona ko asa n’uwapfuye bamwambura utwo yarafise twose barigendera.
Hakaba hari igihe cisaha zine n’iminota mirongo ibiri zijoro (22h20mn), bamutegereye ageze impande ya robine yamazi yo muri karatiye sanzu3 ku mugwa mukuru w’intara ya Ruyigi.
Hari n’uwundi munyagihugu yitwa Ciza Jean, yatemaguwe nabo bagizi ba nabi itarike 13/02/2023 ku mugwa mukuru w’iyo ntara nyene.
Abanyagihugu bo muriyo ntara bakabona ko ubwo bugizi bwa nabi bwafashe iyindi ntera idasanzwe.
Barasaba bashimitse abajejwe ubuserukizi no gucungera umutekano wabo ko bogerageza bakarwanya ubwo bubisha bwatse indaro muriyo ntara ya Ruyigi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com