Mu Burundi, umunyagihugu yitwa Gashirahamwe silas yarahagaritswe naba polisi bafatanije nimbonerakure muri karitiye nyabiharage komine Gitega intara ya Gitega.
Uwo nawe mu buzima bwiwe bwa minsi yose akaba yarasanzwe akora akazi ku bucuruzi.
Bakaba bamufashe gikubikubi bamuhora ko atanga amakuru kubantu bakorera amashirahamwe y’igenga be nama radio akorera hanze y’igihugu.
Ikindi bamuhora ngo nuko yavuze inyuruzwa ry’isukari ririko rikorwa na bamwe mubayobozi nimbonerakure zo murako gace.
Muriyo komine hari hasanzwe hazwi intonde z’abantu bagenewe guhabwa isukari,kugira bayicuruze kumugaragaro mubanyagihugu..
Silas Gashirahamwe akaba yari muri basanzwe bakora ako kazi, ariko aza gutangara, abonye intonde zamazina atazi, murico gikorwa kandi atari nabacuruzi.
Aca akebura abayobozi kugira bakosore utwo tunenge twibonekeje.
Ubwo nyene baciye bamufata nk’umwansi w’igihugu, bamufata gikubikubi baja kumufunga.
Imbere yo gufatwa yabanje gusambishwa na buramatari w’iyo ntara,amwagiriza ko aryoza ubuyobozi,ahereye kumukuru wa karitiye nyabiharage Ndayishimiye Jacqueline.
Akaba afunzwe agiriwe irementanya na jacqueline Ndayishimiye umukuru wa karitiye nyabiharage afatanije na buramatari w’iyo ntara hamwe nabahurikiye muri Cndd FDD.
Abacuruzi eka n’umuryango wiwe ukaba usaba ko uwabo yorekurwa.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com