Irakoze Gilbert wo ku mutumba rutabo komine mabayi intara ya Cibitoke mu Burundi yaranyurujwe n’abantu bataramenyekana kumunsi wa kabiri igenekerezo rya 27/02/2024.
Abanyagihugu babonye inyuruzwa rya irakoze Gilbert, bavuga ko yatwawe n’abantu bari bafise imodoka yo mubwoko bwa Toyota Hilux ifise ibiyo bitabona eka idafise nibiyiranga (voiture Toyota Hilux à vitre teintée sans immatriculation).
Abamunyuruje bari bambaye impuzu za polisi bafise ninkoho biyoberanije mumaso barikumwe numukuru wiyo zone Lazard, uwo nawe akaba ari umukukuruke, yahoze mugisirikare co mutwe wa Cndd FDD bakiri mwishamba.
Uwo Gilbert irakoze, asanzwe ari umunywanyi w’umugambwe CNL, urongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa kurwego rw’igihugu, bakaba bari baragerageje kumwinjiza muri Cndd FDD aranka.
Iryo nyuruzwa riri mu rukurikirane leta y’u Burundi n’umugambwe Cndd FDD bama bakorera abo bose bivugwa ko batavuga rumwe, bikaba bikorwa ahanini n’imbonerakure bafatanije nigipolisi igisirikare niperereza.
Umuryango wiwe waragerageje kurondera uwabo mubusho butandukanye bw’Igihugu baramubura.
Mwomenya ko hari umugambi wa Cndd FDD na leta bateguye wo kunyuruza abantu bose batavuga rumwe.
Ikindi kivurwa kuriryo nyuruzwa n’uko ngo yoba yaraganduwe bunyamaswa nabo bakozi biperereza bamutwaye.
Ubu abantu benshi batari muri Cndd FDD, bakaba barara rubunda, kugutinya ko bashobora kugiriwa n’abi gutotezwa canke kwicwa ugwagashinyaguro nabo bakozi biperereza bafatanije nimbonerakure.
Desire Nkundwa
Rwandatribune.com