Mundongozi zitandukanye z’igihugu c’Uburundi habandanya kwibonekeza imvugo zivuguruzanya, bonjour buri munsi, ivyo navyo bigatera amakenga n’ubwoba bwinshi abanyagihugu.
Akarorero nako umushikiranganji wintwaro yo hagati n’umutekano, Martin Niteretse avuguruzanya n’umukuru wumugambwe cnddfdd Reverien ndikuriyo.
Kandi izo mvugo zabo zikaba zinahungabanya agateka ka zina muntu,.
Uwo mushikiranganji Martin Niteretse avuga ko umukobwa azosubira gutwara imbanyi,azotegerezwa kuvuga kunguvu uwayimuteye,atabivuze akabihanirwa..
Arahimiriza n’indongozi, abanyagihugu ko aho hose bazobona umukobwa afise imbanyi,ari guca bamufata,bakaja kumubaza, mpaka avuze uwamuteye iyo mbanyi,, kuko ngo basigaye birirwa bazitwara kurugero rudasanzwe.
Eka ngo n’abagore bapfakaye,bongoye gutwara imbanyi,nabo ari gukurikiranwa nabo bavuze ababateye izo mbanyi.
Ivyo navyo bikaba biri mubikorwa bihungabanya agateka ka zina muntu.
Ariko umukuru w’umugambwe cnddfdd Reverien ndikuriyo,we aza avuguruza uwo mushikiranganji Martin Niteretse.
Reverien ndikuriyo ahimiriza abakobwa badafise abagabo,ko bogerageza ni muburiburi bakavyara umwana n’umwe ngo ntazobananira kurera ikindi naco ngo ni kugira bapfuye ntibazohambanwe ikara.
Abarundi benshi bakibaza nimba leta ifise intumbero yuburongozi bw’Igihugu,kuko bitangaje kumva abategetsi babiri bahurikiye no mumugambwe umwe bavuga indi zibiri kukintu kimwe,,kandi bakinisha nubuzima bw’abarundi.
Bati mbe murabo bagabo babiri tuzokwemera ivyande ??? Ati canke kuvyara m’uburundi bisigaye aricaha nkuko umushikiranganji Martin Niteretse abavuga !!
Abarundi barasaba bashimitse indongozi imbere yu kuza bagira ivyo bashikiriza abanyagihugu,bobonza kuza bashishoza imvugo zabo, kuko zimaze kurambira abarundi benshi,, narirya nka zose imvugo zabo usanga zihungabanya ubuzima bwabo