Igitoro casubiriyi kubura mu mpande zose z’ Uburundi ku rugero rudasanzwe. Abanyagihugu bavuga ko hamaze iminsi hari ikibazo gikomeye mubijanye no kwiyunguruza gikomeye.
Akarorero nako mugisagara ca Bujumbura aho kubituro vyama modoka yunguruza abantu, usanga atazihari, canke hakaza imodoka imwe hatonze abantu amajana.
Kuburyo mukwinjira mumuduga abari ari nkingwano, kuko uwudafise inguvu adashobora kwinjira.
Abantu bakuze, abafise amagara make,aba maman naba papa benshi ntibakija kumirimo kukubera, kubura uko biyunguruza ngo bashike kumirimo bajejwe.
Ivyo navyo bakabaviramwo, ikibazo hagati yabo numukoresha kuko bamwe mubakoresha baca bibaza ko basivye mukazi kubushake.
Abafise ama station acuruza igitoro (essence) ugize ico ubabaza,bakubwira ko bumiwe,batagifise nico bavuga. Kuko ngo ivyo vyose biterwa nikena ry’ifaranga mvamakungu,risigaye ari nkumuzi w’ibuye kugira urironke i Burundi.
Nayaboneka ngo akoreshwa nakagwi kamwe kagizwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste ndayishimiye numugambwe cnddfdd.
Rero iryo kena ry’ifaranga mvamakungu n’iryo rituma ibintu vyinshi bibura ibindi bikaduga ibiciro navyo bigatera ubukene mubanyagihugu.
Abo banyagihugu barasaba ko leta ko yokwisubirako ikareka kwicisha inzara Abarundi.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com