Abakozi bakorera mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi mu gisata kijejwe gutoza amakori, barataka inzara kuko bamaze amezi ane bakora ntibahembwe (4mois sans percevoir leurs salaires).
Abo bakozi bavuga ko kuva mukwezi kwa cumi narimwe 11/2023 gushika iyi tarike 09/03/2024 batakironka agashara kabo,kandi badasiba kukazi ka minsi yose.
Bavuga ko vyatanguye kugorana aho igisagara ca Bujumbura gitanguriye gutwagwa na CP Jimmy Hatungimana, kuko ashitse kubuyobozi baciye batangura no kubagabanya agashara bahembwa kukwezi.
Abo batoza kori kera bahembwa 300.000fb nayarenga bivanye nayo binjije kukwezi, ariko Jimmy Hatungimana ahashitse yaciye ayabakata,batangura guhembwa 150.000fb buri kwezi.
Ubu rero nutwo duke bahora bahembwa, bakaba batakironka nigiceri cijana burikwezi, eka bavuga ko inzara ivuza ubuhuha mumiryango yabo, ikitavuzwe coco nabari mumazo bakodesheje,,aho bamwe batanguye gusohorwa na beneyo, kubera kubura ubwinshu, icibagiwe coco ngo abana babo benshi bataciga kukubura amahera yishure.
Ivyo vyose, umukuru wigisagara ca Bujumbura, ngo yabigize muntumbero yo kunyuruza amafaranga yikori akoranye nibanki nshasha iri i Bujumbura Yitwa “IHERA RYANJE” iyo nayo umukuru wigisagara ca Bujumbura akaba ayifisemwo umutahe hamwe nibindi bihangange vyo muri Cndd FDD.
Iyo banki ifatanije na Jimmy Hatungimana bashizeho umugambi mushasha witwa”GDAF ” amafaranga akinjira kuri compte yiyo bank, abo bakozi bahora batoza.
Ikigaragaza ko ari ubusuma bukabije bwateguwe, nuko iyo banki itigera yerekana ukugene amafaranga aba yinjiye mukugega cigisagara ca Bujumbura,kandi ngo iyo serveur yitwa “GADF” iri muninwe yumuntu yashizweho numukuru wigisagara ca Bujumbura atana mahiganwa abaye.
Muri rusangi abo batoza kori bariyamiriza ubwo busuma budasanzwe bukorwa numukuru wigisagara ca Bujumbura, bakongera bagasaba ko bohembwa agashara kamezi ane baheraniwe hamwe no guhabwa amasezerano yakazi (contrat d travail) kuko bamaze imyaka irenga itatu bakorera igihugu atamasezerano.
Ivyo navyo bikaba bihanwa n’amategeko y’igihugu c’u Burundi na mpuzamakungu.
Desire Nkundwa
Rwandatribune.com