Mu Burundi, Koloneli Aaron Ndayishimiye yaheruka kwirukanwa gitaraganya muri RDC kivu yamajaruguru, kumvo z’uko yanse gukurikiza amategeko y’uwutwara ingabo murako gace, Général pontien,yaraye ahawe amabanga yo kurongora abandi basirikare n’imbonerakure muri RDC (Kivu y’amajepfo.)
Uwo Koloneli Aaron Ndayishimiye yari atahukanywe i Burundi akuwe muri RDC, azira ko yatwaye abasirikare kurwanya M23, ataruhusha afise rwindongozi, ndetse hapfira ingabo nyishi z’uburundi zigera mumajana, bongera bamburwa nibigwanisho bikomeye vyinshi.
Ashitse i Bujumbura, yarafungiwe mwiperereza mugisagara ca Bujumbura, arasambishwa, mu nyuma bamurungika gufungirwa mwibohero rikuru ry’intara ya Rumonge.
Ariko abamuzi, baravuga ko atazomara iminsi afunzwe, kuko ari incuti ikomeye yakadasohoka yuwutwara ibiro bikuru vya gisirikare mu Burundi Général Prime Niyongabo, kandi yama amukingira mumabi menshi akora burigihe.
Mwomenya ko uwo Koloneli Aaron Ndayishimiye yishe umugore wiwe Diane Ndayiragije be n’umukozi wiwe Cécile mu mwaka w’ibihumbi bibiri na mirongo ibiri narimwe (ce dernier a assassiné sa femme et sa bonne en 2021) kandi yagumye yidegemvya ndetse akora n’imirimo yiwe ya gisirikare, eka Aaron Ndayishimiye asanzwe avugwa mumabi menshi, nko kunyuruza abantu benshi bakaburirwa irengero, guhohotera abanyagihugu ubusuma bukabije eka amabi atandukanye.
Ubu rero yaraye yongewe amabanga yo kurungikwa muri RDC, Kivu yamajepfo afise abasirikare 250 hamwe n’imbonerakure,akaba agiye asangayo abandi basirikare igihugu (1000 militaires Burundais) basanzwe bamaze igihe kinini murutwo duce.
Akaba yahawe akazi ko gucungera imbibe z’igihugu c’u Burundi buhana na RDC, kugira ngo umuhari Red tabara utazosubira kuvogera ubutaka bw’uburundi be no kurwanya umuhari wa twigwaneho wabanyagihugu bo muri RDC, kuko ngo nawo ukorana na Red tabara na M23.
Igihe yarungikwa muri Kivu yamaja ruguru atwara batayo yicenda TAFOC ( 9ème bataillon TAFOC) igiye kurwanya M23, ariko bimuta kuwamazi ahubwo yicisha abasirikare babarundi benshi,,yari yavuye i Burundi arahiye ko agiye yiyemeje kugwanya M23 mpaka ayitsinze ku rugamba.
Ubu akaba arungitswe gucungera imbibe z’igihugu c’Uburundi no kurwanya umuhari Red tabara na twigwaneho wabanyagihugu bo muri RDC, arikumwe n’abasirikare bavanze n’imbonerakure ariko uwo murwi arongoye akaba atazina baravuga ryawo canke batayo iyariyo.
Mwomenya naho iryo rungikwa ry’agasakisaki ry’abasirikare nimbonerakure muri RDC Kivu yamajepfo kurwanya Red tabara, umukuru w’umugambwe Cndd FDD Reverien Ndikuriyo yivugiye ku mugaragaro ko bamaze kuzimanganya burundo umuhari Red Tabara be n’izindi bakorana, ubu kwabarundi borema atakibazo c’umutekano kikirangwa mu Burundi.
Desire Nkundwa
Rwandatribune.com