Mu Burundi, ibarabara rigira gatatu (Route Nationale numéro trois RN3) rihuza intara ya Bujumbura -rumonge -Bururi ryarononekaye kurugero rudasanzwe.
Abafise imiduga yunguruza abantu nibintu, bakorera murivyo bice, eka nabanyagihugu bakoresha iryo barabara rigira gatatu, barasaba bashimitse ko leta nabajejwe gusanura no gukingira amabarabara ko bogerageza bakarisanura rikongera kuba nyabagendwa.
Kuko ubu abahora bafata iryo barabara, berekeza muri Rumonge Bururi, bitagikunda, biba ngombwa ko bakora ingendo ndende bakoresheje irindi barabara rigira indwi (Route Nationale numéro sept RN7).
Iyo nzira ituma urugendo ruba rurerure, n’amasaha akaba menshi eka namafaranga yurugendo yagwije incuro zibiri, bigatuma bamwe baheba inzo ngendo kumvo zo kubura ubwinshu bwizo ngendo.
Abanyagihugu bavuga ko imbere bagica kuri RN3 bariha ibihumbi cumi vy’amarundi (10.000fb) ariko ubu bafata RN7 bariha ibihumbi mirongo ibiri (20.000fb).
Abanyagihugu barasaba bashimitse leta y’uburundi ko yogira akigoro igakoresha iryo barabara rigisubira kuba nyabagendwa.
Kuko hari benshi bariko babihomberamwo , eka bimaze no guteza ubukene abantu benshi n’inzara kuko imirimo yabo yahagaze.
Abarundi bagatangazwa nuko indongozi z’igihugu c’u Burundi n’umugambwe Cndd FDD birirwa baririmba ngo u Burundi buri ku muvuduko w’iterambere ridasanzwe eka bufise nimbono ya 2040-2060, kandi bananiwe no gusanura ibarabara rimwe rikuru, rinahuza intara z’igihugu nyinshi.
Abanyagihugu bavuga ko leta nabayigize, bibereye mugusahura itunga ry’igihugu gusa kuko ataterambere bigera biyumvira na rimwe.
Desire Nkundwa
Rwandatribune.com