Abakinyi ba ekipe ya Dynamo BBC yo mu Burundi, birangiye basezerewe burundu mu nkino za BAL bari bitabiriye zariko zibera muri Afrique yepfo.
Ejo ku munsi wambere igenekerezo rya 11/03/2024 bari bongeye guhabwa amahirwe yo kongera gukina, nyuma yo gutsindwa impaga, bivuye ko batakinye kumunsi w’IMANA igenekerezo 10/03/2023,kubera ko leta y’u Burundi yabankiye kwambara imyambaro z’umuterankunga mukuru wiryo higanwa rya BAL, zanditseko Visit Rwanda.
Ariko amakuru yejo kumunsi wambere igenekerezo rya 11/03/2024 yavuga ko leta y’uburundi yoba yagondojwe yemera ko abo bakinyi ba Dynamo bokina bambaye imyambaro yanditseko Visit Rwanda.
Mwomenya ko abo bakinyi kugira ntibakine kumunsi w’IMANA boba baronse ubutumwa bwo mwibanga biva mubiro bikuru vyumukuru w’igihugu c’Uburundi be nuwutwara ishirahamwe rya basket mu Burundi,ko baramutse bihenze bakambara izanditseko visit Rwanda, y’igihugu mukeba,batohirahira ngo bazotahe i Burundi.
Niko guca batinya gukina, hatangura ibiganiro hagati y’uwutwara umugwi wa Dynamo n’indongozi zimwe zimwe zigihugu, ndetse zisa nizivyemeye.
Abo bakinyi,ababaherekeje eka muri rusangi abakunzi ba basket-ball mu Burundi batangura kugira icizere no kuryoherwa..
Ariko ako kamwemwe kamaze umwanya urume rumara ;kuko président wishirahamwe rya basket-ball mu Burundi yitwa ngo Apôtre Jean Paul Manirakiza, yaciye yandikira uwo mugwi wa Dynamo mu masaha yijoro akuze saa tanu (23h) ko batohirahira ngo bambare imyambaro yanditseko Visit Rwanda munkino zose zisigaye.
Mubutumwa bwa mail yabandikiye ababwira mutegerezwa gukina mwambaye imyambaro ya ekipe yanyu canke mwambaye imyambaro itariko visit Rwanda canke mwabihishije ivyo vyandiko.
Iyo ekipe ya Dynamo, abakinyi, ababaherekeje kumvo zo gutinya ko bazohava bagirirwa nabi bashitse i Burundi, bakaba bahisemwo guhagarika gukina kugira bacungure ubuzima bwabo mu gihe bakiba kubutaka bw’igihugu c’Uburundi.
Ikindi mwomenya nuko uwo apôtre Manirakiza jean Paul, atigeze anezerezwa n’uko iyo ekipe ya Dynamo igiye murizo nkino, kuko yagumye ayiburabuza ikiri mumyiteguro, eka akaba yagize n’ishari kuko atigeze aronka ubutumire bwa BAL bwo kuja kurorera iyo mikino mugihugu ca Afrique yepfo.
Kumvo zuko apôtre Jean Paul Manirakiza asanzwe ari umunywanyi w’umugambwe Cndd fdd, anashigikiwe n’umukuru w’uwo mugambwe Reverien Ndikuriyo, ari nawe yamashizeho, ivyo vyose yabikoze arico yishimikije ko azi ari ntakorwako..
Abarundi benshi, abakinyi ba ekipe ya Dynamo, ba basket-ball mu Burundi eka nabayikunda bose bakaba bari mu gahinda n’umubabaro bidasanzwe kuko uwo jean Paul ahejeje guhamba burundo iterambere rya basket-ball mu rwaruka rw’igihugu aribo bari kazoza keza k’u Burundi
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com