Mu Burundi, umukenyezi yitwa Uwizeyimana Jacqueline azwi cane ku kazina kubukerebutsi ka Hafsa, yaranyurujwe kumunsi w’ejo igenekerezo rya 13/03/2024, igihe c’isaha zitandatu n’iminota mirongo ine n’itanu (12h45mn).
Uwo mukenyezi akaba atwara umugambwe CNL mu ntara nshasha yitwa BUHUMUZA, leta ya Evariste Ndayishimiye iheruka gushinga.
Uwo mukenyezi akaba yarasanzwe ari umwigisha kuri ECOFO Rubenga iri muri zone mugano komine giteranya intara ya Muyinga. Bakaba bamufashe avuye kukazi kiwe ka minsi yose ko kwigisha.
Akaba yafashwe n’uwutwara iperereza mu ntara ya Muyinga yitwa koloneli Havyarimana Félix, afise imodoka yo mubwoko bwa Toyota Hilux double cabine ifise iparati E0535A , nibiyo bitabona (voiture Toyota Hilux à vitre teintée), amutwara ahantu gushika iyi saha hataramenyekana.
Kuva afashwe ku munsi w’ejo na koloneli havyarimana Félix, amatelefone yiwe yose, umuryango wiwe wagerageje kuzihamagara ariko bumva zizimije.
Umuryango wiwe ukaba ufise ubwoba ko uwabo ashobora kugiriwa n’abi, kuko,uwo yamunyuruje asanzwe azwi mu mabi menshi,amaze gukorera abanyagihugu cane cane nko kunyuruza abantu bakaburirwa irengero, kubahohotera, eka amabi atandukanye.
Mwomenya ko uwo Jacqueline Uwizeyimana yafashwe muri rwa rukurikirane rwo guhiga uwo wese atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Cndd Fdd.