Mu Burundi ba Buramatari bi ntara za kayanza, kirundo, Cibitoke zihana urubibe n’igihugu c’u Rwanda, bahimiriza abanyagihugu bo muntara barongoye kutongera gukandagira kubutaka bw’Igihugu kibanyi c’u Rwanda.
Abo barongozi bababwira ko umurundi wese azokandagira ku butaka bw’Igihugu c’u Rwanda canke ngo hagire ikintu nakimwe agurirayo canke ngo ashorereyo, azoca afatwa nk’umwansi w’igihugu c’u Burundi, ndetse azoba yerekanye kwakorana na za Red tabara canke M23.
Abo ba buramatari bamaze iminsi bagirisha amanama abarongozi muntara gushika kunzego zibanze hamwe n’abasirikare naba polisi, bahimiriza gucungera uwo wese arenga ayo mategeko agahanwa bimwe vyakarorero.
Akarorero naka Buramatari w’intara ya Cibitoke, Bizoza carême,aho yagirishije inama rukokoma kumunsi w’ejo igenekerezo rya 14/03/2024 indongozi zitandukanye, ababwira ko umunyagihugu wese bazobona avuye mugihugu kibanyi c’u Rwanda afise ikintu yaguriye murico gihugu, ari uguca bamufata agahanwa kuko ari umwansi w’igihugu c’u Burundi.
Mu ntara ya kayanza hoho baratanguye kubishira mungiro,aho umunyagihugu yitwa Jacques BIRIMUNDA wo kumutumba buyumbu zone Rugazi komine kabarore yafashwe kumunsi wambere igenekerezo rya 11/ 03/ 2024 avuye gusuma kumupaka uburundi buhana n’u Rwanda, aguze infungurwa ziva muri gihugu kibanyi.
Umukuru w’umutumba Buyumbu Emmanuel nduwimana, yaciye amufata, ahamagara aba polisi bajejwe iperereza murako gace, bamutwara ahantu Umuryango wiwe utigeze umenya, bukeye kabiri uwo munyagihugu Jacques nduwimana yatowe yapfuye biboneka ko bamukereye izosi, baraheza bamujugunya mugashamba kari hafi yibitaro vya kayanza.
Uwo munyagihugu akaba yishwe azize ko avanye infungurwa aguriye mu gihugu kibanyi c’u Rwanda.
Abanyagihugu bakaba batekewe n’ubwoba bwinshi kubera ubwo bw’icanyi ndengakamere bukorwa nigipolisi bafatanije n’indongozi zimwe zimwe eka namajambo y’iterabwoba ashikirizwa nabayobozi.
Abarundi barasaba bashimitse ko indongozi ko zoreka abarundi batobato bakibanira neza na benewabo b’igihugu kibanyi c’Urwanda kuko banasanzwe bafise vyinshi bibahuza,bahuriyeko eka banasangiye kuva kera.
Barongera bakavuga bati ibibazo vya politique biba bikwiye gutorerwa umuti bitarinze gushira mukaga ubuzima bw’abarundi kuko gufunga imipaka canke kubuza umurundi kuja mugihugu kibanyi c’u Rwanda atanyungu nimwe bizana uretse kubandanya bishira mukaga kadasanzwe ubuzima bw’abarundi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com