Umukuru w’igihugu c’u Burundi Evariste Ndayishimiye, afatanije n’uwutwara ibiro bikuru vya gisirikare général Prime Niyongabo, baraye bongeye guhindura indongozi mugisirikare zimwe zimwe.
Ivyo vyose bikaba bituruka kucuka kibi kivugwa mubasirikare, kwirungikwa rya bamwe muri RDC kugwanya M23 bakaguma bapfirayo kubwinshi, inyuruzwa ry’amafaranga ya basirikare baja muri za misiyo muri za Somalie Centre Afrique n’ahandi n’izengo za gisirikare be no kunyuruza infungurwa zigenewe abasirikare batobato.
Mwibuke ko ejo twari twabamenyesheje akamo kabasirakare naba polisi batabaza ko inzara ivuza ubuhuha muribo.
Ikindi kivugwa kuriryo hindagurika rya minsi yose mundongozi za gisirikare, nukutumvikana kurangwa hagati ya président Evariste Ndayishimiye na Reverien Ndikuriyo umukuru w’umugambwe Cndd FDD, kuko kenshi barangwa nimvugo zivuguruzanya.
Abagenwe muma banga bashasha tumaze kumenya naba bakurikira :
-Umuyobozi wabahoze kurugamba mubushikiranganji bwo kwivuna abansi nabahoze kurugamba:
Ni General de Brigade Dominique Nyamugaruka afise matricule SS0189
-Umugenduzi mukuru ajejwe inyigisho, imyimenyerezo no gutanga umurongo ngenderwako nibikorwa mubushikiranganji bwo kwivuna abansi nabahoze kurugamba:
Koloneli Oscar Nzohabonimana afise matricule SS 0273.
– Komanda wa première division d’infanterie General de Brigade Élie ndizigiye SS 0239..
Mwomenya ivyo vyose naho biba atari kubera gukunda igihugu c’u Burundi canke abarundi, ahubwo ahanini aba ari ku nyungu zabo bwite, kuko baba bibereye muvyo gusahura itunga ry’igihugu n’abanyagihugu gusa.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com