Mu Burundi inyuruzwa ry’abantu agasakisaki inyuma yaho bakaburirwa irengero abandi bagatorwa bagandaguwe bunyamaswa bibandanya kwibonekeza ku rugero rudasanzwe.
Dufise inkuru y’umubabaro udasanzwe aho hari umunyagihugu yitwa Nestor NTAWUNKIZA yaraye atowe ikiziga mu kazu k’umusarani muri karitiye ruziba zone kanyosha mugisagara ca Bujumbura ikiziga ciwe camaze kwononekera kumunsi wejo igenekerezo rya 20/03/2024.
Uwo nyakwigendera tukaba twari twaragerageje kumutabariza aho twandika inkuru ko yanyurujwe aburigwa irengero n’abantu batigeze bamenyekana kuva igenekerezo rya 14/03/2024.
Uwo muhisi akaba yatowe mukazu kumusarani kuwitwa niyonzima Jean Marie, asanzwe avuka aho nyene muri karatiye ruziba zone kanyosha.
Niyonzima Jean Marie asanzwe azwi nkumwicanyi karuhariwe mugisagara ca Bujumbura nahandi mugihugu eka asanzwe akorana n’abakozi biperereza ry’igihugu, igisirikare, polisi be n’abo munzego za leta zitandukanye murubwo bw’icanyi ndengakamere bwimonogoje mu Burundi.
Nyakwigendera Nestor akaba yaciye ashingurwa kumunsi w’ejo igenekerezo rya 20/03/2024 mumasaha yumugoroba, atanamatohoza abanje gukorwa kururwo rupfu rubabaje rwa Nestor Ntawunkiza.
Umuryango wiwe ukaba uri numubabaro bidasanzwe eka ahubwo Uguma ugirwako n’iterabwoba kuma téléphone n’abantu batazi,ngo nibabandanya babivuga nabo bazokwicwa nkuko Nestor Ntawunkiza yishwe.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com