Mu Burundi, muma zone nka yose agize igisagara ca Bujumbura arangwamwo ubukene bw’amazi bumaze igihe bwibonekeza kurugero rudasanzwe.
Duhereye muri zone nyakabiga abanyagihugu baho baravuga ko haheze ikiringo cindwi zibiri (deux semaines) atanima ry’amazi baronse,eka ngo niyo aramutse aje aboneka nka saa munani zijoro (2h du matin) akamara nkiminota mirongo itatu akaba agiye.
Muri zone kinindo,nahone abanyagihugu baho bavuga ko nabo bamaze igihe cindwi n’igice atama ryamazi ribagezeho, ubu kenshi bakoresha amazi bavanye mu kiyaga ca Tanganyika.
Muri zone kinama na kamange hoho abanyagihugu ngo ntanico kuko batakizi amazi ya robinet, kuko basigaye bakoresha amazi yuruzu nyabagere kuko bobo haheze ikiringo c’ukwezi batazi icitwa n’ima rimwe ry’amazi.
Tugeze muri zone musaga, abanyagihugu baho bavuga ngo barumiwe kuko ntanico boba bakivuga, ko batakizi mungo zabo, muma quartier amazi atangwa nishirahamwe Regideso, kuko bamaze igihe kinini bakoresha amazi yo munzuzi gusa.
Muri make bivugwa ko Mugisagara ca Bujumbura, ishirahamwe Regideso nkiritakihakorera, kuko abanyagihugu batakizi amazi atanzwe nurwo ruganda.
Tubajije abakozi ba regideso,baduhaye amakuru, batashimye ko amazina yabo avugwa, bavuga ko ishirahamwe regideso rigeze aho umwansi ashaka, kuko ntabikoresho bagifise bigizweho,ama pompes bakoresha mu gutanga amazi nka yose atagikora, kandi ababijejwe ntihagire nakimwe babikorako, eka ngo nama groupes électrogènes bahora bikorako iyo umuyagankuba wagiye, nayo yashaje atagikora, eka babona atana gahunda yo kuyakoresha ihari, bati “Abanyagihugu ntibitege kubona vuba ikibazo c’amazi ko kizotorerwa umuti, nibamenyere babane navyo.”
Abafise amazu yuburiro, ayakira ingenzi nibindi bikorwa bitandukanye, baridoga ko ubuzi bwabo busa nubwahagaze burundo, kuko bugarijwe n’ubukene bwamazi, bitagikunda ko bagira isuku rikwiye, hakiyongerako nuko umuriro wowo kuwubona ari nkukurondera umuzi w’ibuye.
Abanyagihugu abakavuga ko atagihindutse vuba na bwango, ngo ishirahamwe regideso ryisubireko rikore ico rijejwe, indwara zituruka kw’isuku rike rigiye kwibasira igisagara ca Bujumbura.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com