Buramatari w’intara ya Cibitoke mu Burundi, aragabisha abayobozi b’inzego zose zigize komine Mugina, kuva kuri musitanteri gushika kuri ba nyumbakumi, ko badahinduye ingendo bagiye guhanwa bimwe vy’akarorero.
Iryo terabwoba buramatari Carême bizoza, arikora kubera ngo abo bayobozi abagiriza kuba bakorana nabakora urucuruzwa rwamagendu hagati y’igihugu c’u Burundi n’URWANDA bakoresheje umupaka w’iyo ntara uri muri komine mugina bifashishije uruzi rwa ruhwa.
Buramatari w’intara ya Cibitoke avuga ati umuntu wese akora ivyo,aba ari umwansi w’igihugu c’u Burundi, akwiye gufatwa agahanwa bimwe bidasanzwe, uko uburundi bw’ugaye imipaka igihuza n’u RWANDA kuva muri nzero igenekerezo rya 11/2024, atagikorwa nakimwe ubu cemewe hagati y’iyo mipaka.
Mwomenya ko leta y’u Burundi yirirwa yagiriza u Rwanda ngo rufasha umuhari Red tabara ; ariko ivyo abarabira hafi politique y’uburundi, bavuga ko ari amayeri ya président Evariste ndayishimiye n’akagwi kiwe, bafashe muntumbero yo gusamaza abarundi, kugira babibagize ubukene n’akaga bakwegeye uburundi n’abarundi.
Abayobozi batobato bo muri komine mugina, bakabona ko buramatari ariko arabarenganya kuko umupaka urindwa n’abasirikare, polisi barikumwe n’imbonerakure, ninabo bakizura ijoro n’umurango, rero ngo bari bakwiye kubazwa ubwo bucuruzi bwa magendu.
Abo bayobozi b’ibanze babona ko ahubwo buramatari w’intara ya Cibitoke Carême bizoza ashobora kuba afise iyindi ntumbero ashaka gushikako.
Kuko ngo ubwo bucuruzi bukorwa n’ibihangange muntwaro, mugisirikare,polisi n’imbonerakure, eka ngo na FDLR na FLN zibarizwa murako gace ;kandi bisanzwe bizwi nabo bayobozi bakuru…
Mwomenya ko iyo ntara ya Cibitoke imaze iminsi irangwamwo abarwanyi benshi barwanya leta, eka basize bakoze ihonyabwoko ry’abatutsi mugihugu kibanyi c’u Rwanda 1994 aribo ba FDLR na FLN.
Kandi abo ba FDLR na FLN birirwa bakizura muriyo ntara haba kumurango canke mw’ijoro bafatanije nimbonerakure, abasirikare naba polisi nkuko isoko rya Rwanda tribune TV riri murako karere ribitumenyesha.
Izo ndongozi zibanze,zisaba buramatari Carême bizoza ko yoreka kubatera ubwoba, ahubwo nawe ikibazo akizi neza.
Desire Nkundwa
Rwandatribune.com