Inyuruzwa ry’abantu ku murindi ukabije mu Burundi bakaburirwa irengero vyafashe iyindi ntera idasanzwe.
Iryo nyuruzwa ry’abantu ubu ryasubiye kwinjiramwo urwego rw’iperereza mu gisirikare, bitari bimenyerewe, iryo perereza naryo rikaba ritwarwa na Général Ildephonse Habarurema.
Ku munsi w’ejo igenekerezo rya 27/03/2024 hari umunyagihugu yitwa Bukuru Samuel, yanyurujwe n’abantu bambaye impuzu za gi civile, bafise inkoho zo mubwoko bwa pistolets, mu gisagara ca Bujumbura, iruhande y’ikigo c’ishure école internationale riri muri Quartier kinanira.
Abo bamufashe bose nabo mu gwego gw’iperereza rya gisirikare (FDNB) aho abababonye bashoboye kumenyamwo umusirikare umwe G2 HABONIMANA.
Bakaba bamutwaye aboshe bagenda bamukubita buyoka aboroga mumodoka yibiyo bitabona voiture Toyota Hilux à vitre teintée itagira nibiyiranga, gushika iyi saha twandika iyi nkuru Umuryango wiwe incuti abagenzi bakaba bataramenya uwabo aho afungiwe, kuruyu wakane igenekerezo rya 28/03/2024.
Biravugwa ko iryo perereza rya gisirikare rirongowe na général Ildephonse Habarurema, rizanye umurindi ukabije mu ruhigi rwo kunyuruza no gufata abantu bakabatwra ahantu hatigera hamenyekana eka benshi muribo, bikarangira batowe bapfuye.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com