U Burundi burasaba bushimitse amakungu ko bwokumvirizwa cane gusumba, kubibazo bugaragaza ko bufitaniye n’igihugu kibanyi c’u Rwanda, kuko bwerekana ko bubangamiwe n’ico gihugu.
U Burundi burongera bakivugira RDC, bukanashimangira ko ivyo RDC ishikiriza vyose navyo bifise ishingiro, na cane cane ubusabe bwo gukura ingabo za RDF ku butaka bwa RDC hamwe no kwegeraniriza hamwe abagwanyi ba M23.
Uwo yaserukiye igihugu c’u Burundi akaba yabishikirije ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 27/03/2024 mu nama ya ONU ijejwe umutekano.
Uwaserukiye u Burundi, yarashimye irungikwa ry’ingabo za SADEC muri RDC, kugwanya M23, anasaba ko ingabo za SADEC zoshiramwo imbaraga zose zishoboka kugira zisubize ibirindiro vyose M23 yafashe, vyahozemwo ingabo za EAC.
U Burundi buremeza ko kubera umutekano muke urangwa muri RDC, bwafashe ingingo yihutirwa yo gufasha ico gihugu, mu kurungika abasirikare babarundi gufashanya n’abasirikare ba RDC, FARDC, gucungera umutekano be no kurwanya imitwe y’iterabwoba yo muri kano karere,be niyo mu bindi bihugu.
Uwo yaserukiye igihugu c’u Burundi munama, yaremeje ko umubano hagati y’u Burundi n’u RWANDA usa nuwuri mu nzira nziza, ariko hari ikibazo kimwe kikigoranye ko bumvikanako.
U Burundi bubandanya busa ko U Rwanda rwobaha abagomvye gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi petero nkurunziza muri 2015.
Uwaserukiye u Burundi yashimangiye avuga ko u Rwanda rwemeye gutanga abo bagirizwa kugomba gutembagaza ubutegetsi muri 2015, u Burundi ari nabo bwagiriza ko aribo numuhari Red Tabara ngo umubano mwiza woca ugaruka hagati y’u Burundi n’u Rwanda, ati rero ni leta y’u Rwanda yo guhitamwo ico gukora kibereye.
Arashimangira ko kwemera gutanga abo bagirizwa kugomba gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi petero nkurunziza muri 2015,ubu baba i Kigali, vyokwerekana kandi kugaragaza kugwanya ivyaha bikorwa muri kano karere.
Uwo yaserukiye igihugu c’u Burundi yarangije avuga ko afise ubwoba namakenga menshi, kubera ko ngo haguma havuka imigwi y’iterabwoba muri kano karere, kandi n’iyindi mitwe nka ADF ishobora kwifatanya n’imirwi y’iterabwoba yo muri Sahel, Moyen-Orient na Mozambique, rero ko hakenewe ko iyo migwi yose yogwanywa igatuzwa hakiri kare, ibintu bitarayangara.
Ivyo vyose akaba yabisavye amakungu murako kanama ka ONU kajejwe umutekano kuruyu wagatatu igenekerezo rya 27/03/2024.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com