Mu Burundi, mu gatondo ko kuruno wambere igenekerezo rya 01/04/2024 igi polisi cazindutse cugarije urugo rw’umushingantahe Jean Cleophas Ntibanyiha.
Uwo nawe akaba aba muri Quartier gituro zone Kamenge komine Ntahangwa mugisagara ca Bujumbura, akaba asanzwe arongoye umugambwe CNL muri komine ntahangwa, akaba akiyoboka umushingamateka Rwasa Agathon.
Abo ba polisi bashitse kurugo iwe igihe ca 6h zagatondo, binjira mu gipangu, batangura gusaka inzu yabamwo, muri zone kamenge, ariko ntaco bigeze bahatora nakimwe abo ba polisi.
N’agashavu kenshi, ko babuze ico bamwagiriza, baciye bamufata bamwuriza imodoka, bamujana kumufungira mu gasho ka zone kamenge, aho gushika iyi saha twandika iyi nkuru ariyo agifungiwe.
Mwomenya ko hari n’uwundi munywanyi wa CNL yitwa Nkunzumwami Aimable aba muri Quartier Musama zone kanyosha komine Muha mugisagara ca Bujumbura nawe, yazindutse asakwa n’igipolisi.
Abo ba polisi bakaba bazindukiye iwe kurugo igihe ca 5h z’agatondo, binjira munzu iwe baramusaka, ariko nawe akaba ataco bahatoye ngo bamwagirize.
Nkunzumwami Aimable akaba ari nawe arongoye urwaruka rwa CNL kugwego rw’igihugu c’u Burundi, akaba akiyoboka umushingamateka Rwasa Agathon.
Ariko wewe yagize amahirwe, ntibamutwaye kumufunga, barekeye iwe, ariko basiga bamuhaye gasopo ko natava inyuma ya Rwasa Agathon, azokwibonerako muminsi ya vuba.
Umugambwe CNL, musanzwe mwibuka ko baheruka kuwaka kunguvu Agathon Rwasa, none ubu abagumye bayoboka umushingamateka Rwasa Agathon bakiba ku butaka bw’igihugu c’u Burundi, bageramiwe n’indongozi zimwe zimwe, inzego zumutekano be nimbonerakure, kuko babahiga buhongo, hari nabamaze kwicwa, gufungwa, gutotezwa canke kuborezwa igufa eka hari nabataye baromoka, barahunga igihugu, ubu bamwe bari gusaba ubuhungiro mubihugu bibanyi nka Tanzaniya RDC n’ibindi bihugu butandukanye, kugira bahunge ako gatotezo bariko bakorerwa n’intwaro mbi ya Cndd FDD.
Abo banywanyi ba CNL, bakiyoboka Rwasa Agathon, barasaba bashimitse ko boreka gutotezwa, bakarekerwa uburenganzira bwabo bwo kuja mu mugambwe bashatse, na burya igihugu c’u Burundi citwa ko kiri muri demokarasi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com