Abakozi ba leta y’uburundi bakora mu bisata bitandukanye baravuga ko babayeho mu buzima bugoye cane, kuko basigaye baronka agashara kukwezi bigoranye.
Abo bakozi bavuga ko aho hambere amafaranga yukwezi yumushahara yagera kuma compte yabo guhera itarike 25 zukwezi,eka ngo vyatevye ntiharenga itarike 30 zukwezi.
Ariko ubu bisigaye vyarahindutse,aho hasigaye hari bamwe bahembwa abandi ntibahembwe eka hari nabasigaye bamara amezi arenga atatu batarahembwa agashara kabo.
Ubuhoho,uku kwezi kwa gatatu guheze gushika iyi tariki 04/04/2024 , abakozi bo mu bisata bitandukanye ntibarahembwa,kandi bari basanzwe bamenyereye ko mugihe ciminsi mikuru nka pasika,hahora hagera itarike 25 zukwezi amafaranga yashitse kuma compte yabo.
Abo bakozi barataka ko boronswa agashara kabo, kuko ariko kabatunze n’imiryango yabo ; bati leta niyigore ibahembe kuko babayeho mu buzima bubi cane, kuko basanzwe bahembwa udufaranga twintija ntikize.
Ahanini abakozi tumaze kumenya ko bageramiwe nuko batararonswa agashara kabo,bagizwe n’abigisha,aba polisi, abasirikare, abaganga eka abakozi bo mubisata bitandukanye vyegukira leta nka vyose..
Abo bakozi batanguye kwibaza kwijambo umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste ndayishimiye aheruka kuvuga ko,baravye nabi igihugu kigeze habi,kuburyo no guhemba abakozi bizogorana..
Ariko kubera imvugo zivuguruzanya zirangwa numukuru w’igihugu c’Uburundi, bisigaye bigoye kumenya ico bafata nico bareka..
Abakozi batararonka agashara kabo, Barasaba bashimitse leta ko yokwikubita agashi ikabahemba,, bakabona ukuntu bishura amadeni bafashe hamwe no gutegura kurungika abana kwishure,kuko uburuko bwarangiye.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com