Mu Burundi haheruka kwinjira konteneri zine zipakiwe mumakamyo, zuzuye imipanga igiye guhabwa imbonerakure zo mu ntara zose z’igihugu.
Iyo mipanga be nibindi bigwanisho nk’inkoho zo mubwoko bwa kalashinikov, vyatanguye guhabwa imbonerakure zo mu mihingo yose y’igihugu kuva mumpera zukwezi kwa gatatu 2024.
Ivyo bigwanisho babiha imbonerakure, bakazibwira ko arivyo kugwanya abansi b’amahoro n’umutekano mu Burundi.
Mwomenya ko iyo mipanga yaguriwe mu gihugu c’Ubushinwa ica ku butaka bw’igihugu ca Tanzaniya yerekeza mugihugu c’u Burundi.
Iyo mipanga yashitse kurubibe rwa kabanga-kobero iri mu modoka zama camions ifise parati za Tanzaniya igenekerezo rya 18/03/2024.
Izo camions kugira zemererwe kwinjira mugihugu c’u Burundi vyaragoranye cane, kuko abariko bazitwara banse kwereka abakozi ba OBR (Ikigo kijejwe gutoza amakori) ibirimwo bakurikize amategeko, bica biba ngombwa ko zihamara iminsi,kuko abo ba chauffeurs bobo bivugira ko ibirimwo bizwi n’inzego zo hejuru i Burundi.
Iyo mipanga ikaba yavuye mu gihugu cu bushinwa iguzwe n’ishirahamwe Fondation Pax Burundi rirongowe numukuru w’umugambwe cnddfdd Reverien ndikuriyo.
Amakuru duhabwa n’abakozi ba OBR aremeza ko na leta ya tanzaniya yagize amakenga, ibanza kwanka ko zirengana,ivuga ko imipanga atari ibicuruzwa bisanzwe, aho vyabaye ngombwa ko président Evariste Ndayishimiye ubwite yahavuye atelefona umwe mu bategetsi ba tanzaniya amusaba ko yoreka iyo mipanga ikarengana; ariko nawe agira amakenga aramwankira, amusaba ko ategerezwa kwandika urwandiko rwemewe ruriko nikimangu ca leta, kugira iyo mipanga nihagira ikibazo izoteza mu Burundi, leta ya Tanzaniya itazobibazwa.
N’uko leta y’u Burundi yandika uruhusha rukakaye bise (autorisation spéciale).
Amakuru atangwa na bamwe mu Cndd FDD, avuga ko ivyo vyose vyamenyekanye kubera ko Tanganyika amazi yaduze ku rugero rukabije, kuburyo ikivuko ca Bujumbura kitagikora, bica biba ngombwa ko babicisha kubutaka bw’Igihugu ca Tanzaniya.
Iyo mipanga yahavuye yemererwa kwinjira mu Burundi, igenekerezo rya 26/03/2024 , iherekejwe naba polisi benshi, ariko aho kujanwa mugisagara ca Bujumbura, vyaciye bihinduka ijanwa gupakururirwa mu ntara ya Makamba ahari icicaro ciryo shiramwe Fondation Pax Burundi rirongowe numukuru w’umugambwe Cndd Fdd Reverien Ndikuriyo.
Mwomenya ko abakozi ba OBR bari banse ko iyo mipanga yinjira hadakoreshejwe amategeko agenga ivyinjira n’ibisohoka, batanguye kurengutswa nu rwego rw’iperereza bagirizwa guhungabanya ibikorwa vya leta.
Ivyo bigwanisho leta y’u Burundi yaguze ifatanije numugambwe Cndd FDD , bakaba batanguye kubiha imbonerakure guhera itarike 01/04/2024, mu ntara zitandukanye z’igihugu, nka Bujumbura rural, Bujumbura mairie, Cibitoke, BUBANZA, Rumonge nizindi ntara zigize igihugu c’u Burundi.
Imbonerakure zirongoye abandi muma zone yose y’igihugu nizo zihabwa ivyo bigwanisho, kugira nazo zice zibiha abo zirongoye.
Izo mbonerakure zose ziremeza ko ivyo bigwanisho bahawe, bafise itegeko ryo kubikoresha muku rwanya uwo wese atavuga rumwe na Cndd FDD, kuko ngo murino minsi igihugu c’u Burundi gifise abansi b’amahoro n’umutekano benshi.
Abarundi bakaba betekewe nubwoba bwinshi, kubera ibigwanisho vyirirwa bihabwa imbonerakure,,nazo zigaheza zikabitemberana ku mugaragaro, zivuga ko zifise nuburenganzira bwo kwica uwo wese bashatse.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com