Mu Burundi, kuva aho hamenyekanye ko umugambwe Cndd FDD uheruka kugura ibigwanisho bitandukanye, harimwo n’imipanga, mugihugu c’Ubushinwa, hatanguye kwibonekeza Ibombora bombora mu ndongozi zihurikiye muri Cndd FDD.
Mwibuke ko iyo mipanga yinjiye ku butaka bw’Igihugu c’Uburundi igenekerezo rya 26/03/2024, iciye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya, yaguriwe mu gihugu c’Ubushinwa, kw’Izina ry’ishirahamwe Fondation pax Burundi rirongowe numukuru w’umugambwe Cndd Fdd Reverien Ndikuriyo.
Muri Cndd FDD bumvise ko bimaze kumenyekana, haciye hatangura kumvikana icuka kibi munzego, haca hatumwako inama gitaraganya mw’ibanga ya bamwe mu bihangange vyo muri Cndd FDD, kumunsi wa gatandatu iginerekerezo rya 06/04/2024.
Iyo nama ikaba yari irongowe na Reverien Ndikuriyo, harimwo n’umukuru w’inama nshingamateka Gélase Ndabirabe, umukuru w’inama nkenguza mateka Emmanuel Sinzohagera, abategetsi batandukanye bashizweho na Cndd FDD , eka na président Evariste Ndayishimiye yarashitse aho inama yariko ibera atevye, ahamara akanya gato aca aragenda.
Muriyo nama Reverien Ndikuriyo, yabwiye abari muriyo ko amabanga yose ya Cndd FDD ashigwa hanze nabo barikumwe, anashimangira gose ati muzotangara musanze muri twebwe twicaye hano nyene ari twebwe tumena amabanga.
Ati: “Sinumva ingene amabanga yacu yose amenyekana kandi aba yagizwe, arongera ati sinumva sintahura ingene abanyamakuru n’abandi batandukanye, birigwa bampamagara bambaza ivy’iyi mipanga vyinjiye mu Burundi be n’ibigwanisho biriko bihambwa imbonerakure kandi ryari ibanga rikomeye rya Cndd FDD.”
Umukuru w’inama Nshingamateka Gélase Ndabirabe nawe yamubariye ati: “Hari ibintu musigaye mukora mumugambwe mwihishije, mutatubwiye, ariko bigaheza bikamenyekana, bikagira ingaruka zikomeye ku mugambwe Cndd FDD, ba mutubwira vyose ntaco muba mutunyegeza.”
Reverien Ndikuriyo yamwishuye n’agashavu kenshi ati iryo nibanga rya gisirikare, kandi mu gisirikare ntibavuga vyose, arongera ati: “Nawe Gélase ndabirabe urazi ko uri umu civil naho turikumwe mu mugambwe Cndd FDD.”
Musanzwe muziko muri Cndd FDD naho ari umugambwe umwe, ufise ibice vyinshi kuko hari abiyita ko barugwanye, kuvuga baciye mwishamba, ngo nibo bavuga rikijana, nayo abitwa aba civil batigeze baja mwishamba babafata nk’imperekeza mu mugambwe Cndd FDD.
Mwomenya ko naho Evariste Ndayishimiye yitabiriye iyo nama, akahamara akanya gato cane, yagiye atajambo narimwe avuga, eka mbere nka bose bumvise ingene Reverien Ndikuriyo yishuye umukuru w’inama nshingamateka Gélase Ndabirabe, baciye bahitamwo kwinumira.
Iyo nama yarangiye hakirangwa icuka kibi mu ndongozi za Cndd FDD, bamwe banashavuye kubera ivyo vy’imipanga vyagiye kumugaragaro eka n’itangwa ry’ibigwanisho ku mbonerakure bizwi nisi yose; barongera bati naho tutavuze, ibintu vyifashe nabi mu gihugu be no mumugambwe Cndd FDD, ivyo bivugwa na bamwe mu bashingamateka bari muriyo nama, batashimye ko amazina yabo aja ahabona, nkuko isoko rya Rwanda tribune TV riri mugisagara ca Bujumbura baganiriye ribitumenyesha.
Basozereye Inama bumvikanye ko umukuru w’umugambwe Cndd FDD Reverien Ndikuriyo agiye gutunganya ikiganiro n’abanyamakuru, bazoba bateguwe n’ibibazo bazobaza kugira bafukafuke iryo bombora bombora riri muri Cndd FDD, be n’iryo gurwa ry’imipanga n’itangwa ry’ibigwanisho mu gihugu bimaze kuja ku mugaragaro mu gihugu c’u Burundi ndetse no mu makungu.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com