Hari umunyagihugu yitwa Arsène Ntirubuza avuka muri komine Mukike intara ya Bujumbura rural, yanyurujwe n’abakozi biperereza kumunsi wakane igendereza rya 11/04/2024.
Uwo munyagihugu akaba afise imyaka mirongo itatu nitatu (33ans),arubatse, afise umugore n’abana babiri bakiri bato.
Abo bakozi biperereza bamutwaye avuye kuraba imirima yiwe aho i Mukike,kuko yarasanzwe ari umurimyi ukomeye murako gace.
Abo bakozi biperereza bamutwaye aboshe bagenda biruka bamukubita buyoka aboroga, mumodoka yibiyo bitabona (voiture Toyota Hilux à vitre teintée sans immatriculation) ,baca bamumanukana ku mufungira mugasho kiperereza mu gisagara ca Bujumbura,riri impande cathédrale Régina mundi..
Mwomenya ko Arsène ntirubuza yaheruka guhunguka avuye mugihugu kibanyi c’Urwanda, mumwaka uheze wa 2023,,aho yaramaze imyaka umunani,,,..
Uwo Arsène ngo yatashe muntumbero yo kwitaba akamo kumukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste ndayishimiye,yirirwa asemerera kuma radio,ngo impunzi nizitahe igihugu c’Uburundi ni nyabagendwa,,, ariko kenshi abahungutse iyo bashitse kubutaka bw’Igihugu c’Uburundi bama bishwe bunyamaswa bagatorwa bapfuye.
Umuryango wiwe ufise amakenga menshi ko uwabo ashobora kwicwa ugwagashinyaguro, n’abo bamunyuruje, kuko bimenyerewe ko i Burundi murino minsi iyo umuntu anyurujwe murubwo buryo kenshi atorwa yagandaguwe bunyamaswa.
Incuti abagenzi ba Arsène ntirubuza, barasaba ko uwabo atokwicwa canke ngo agirwe nabi n’abo bamunyuruje nkuko bisanzwe bimenyerewe.
Desire Nkundwa