Ishirahamwe ry’umupira w’amaboko basketball mu Burundi (FEBABU) ryaraye rihagaritswe vyagateganyo (suspension provisoire) nishirahamwe ryo kumugabane wa Afrika “FIBA AFRIQUE” rya basketball.
Nkuko biri mwikete FIBA AFRIQUE yandikiye ishirahamwe rya basketball mu Burundi (FEBABU) kuruno wagatanu igenekerezo rya 12/04/2024..
Imvo nyamukuru yatumye FEBABU ihagarikwa vy’ifatakibanza n’uko yankiye abakinyi ba ekipe ya Dynamo, igihe yari yitabiriye ihaganwa rya BAL4 mukwezi kwa 03/2024 gukina mwambaye umwambaro wanditseko “Visit Rwanda”” mu nkino zariko zibera mu gihugu ca Afrika yepfo.
Muriryo kete FIBA AFRIQUE imenyesha ko ico gihano co guhagarika ishirahamwe FEBABU vyifatakibanza,cafashwe kubera inyifato mbi ya FEBABU,mukwanka gukurikiza amategeko,n’ingingo ngenderwako za FIBA AFRIQUE,mugutunganya amahiganwa.
FIBA AFRIQUE, irongera ikabwira FEBABU,ivyo yakoze mukubuza abakinyi ba Dynamo gukina bambaye umwambaro wanditseko visit Rwanda bicafuza umukino wa basketball muri Afrika ndetse no kwisi yose.