Mwikoraniro umugambwe cnddfdd warumazwo iminsi ibiri mu ntara ya Ngozi Komine Mwumba, kuva igenekerezo rya 22-23/04/2024, uwo mugambwe waraye usohoye itangazo ku mugaragaro ko ugiye gutsimbataza inyigisho za gisirikare mu rwaruka rwose rw’igihugu c’Uburundi.
Mwitangazo waraye ushize ahabona kumunsi wejo igenekerezo rya 24/04/2024,wemeje ingingo yihutirwa yuko urwaruka ruzoba rurangije amashure shingiro (École fondemantale) bazoba bafise guhera kumyaka 9 ans gushika kuri 17 ans bose bazotegerezwa kwiga inyigisho za gisirikare mu gihugu cose.
Iryo tangazo rirongera rikamenyesha ko nabazoba bahejeje amashure yisumbuye (humanités générales)nabo bazotegerezwa kwiga inyigisho za gisirikare imyaka ibiri, imbere y’uko bazotangura kwiga za kaminuza ( services militaires obligatoire de deux ans pour tous les lauréats des humanités générales avant d’entamer l’université)..
Ivyo navyo ngo n’ intumbero y’Umugambwe cnddfdd ifatanije n’ubutegetsi bwayo, muburyo bwo kugwiza abazi ivya gisirikare bazoza bacungera umutekano w’igihugu.
Izo ngingo zafashwe numugambwe cnddfdd,zikaba zateye ubwoba bwinshi namakenga abarundi,kumva aho mumugambwe ariho hasigaye hafatirwa ingingo zega igihugu cose muri rusangi.
Bamwe bakibaza nimba abagize leta bose baserukira umugambwe cnddfdd canke abarundi.
Barongera bati ko Cnddfdd yashizeho imbonerakure mu gihugu cose,bakaziha nibigwanisho abandi bakabinjiza munzego z’umutekano ivyo navyo vyoba bigamije iki ??
Abakurikiranira hafi ibibera mu Burundi, bavuga ko ahubwo ari umukenyuro mushasha wa cnddfdd,wo kuyovya no gusamaza abarundi,kumabi iyo misoresore yirirwa ikorera abanyagihugu, hamwe no kuzimanganya ibimenyetso vy’itangwa ry’imipanga kumisoresore y’imbonerakure mugihugu..
Icatangaje abanyagihugu benshi nuko mwitangazo uwo mugambwe Cnddfdd waraye usohoye, atakajambo kihumure nakamwe wigeze uvuga ko guhoza imiryango myinshi yataye izabo,ubu iri mukangaratete,kubera ibiza bitandukanye vyibasiye ibice vyinshi vy’igihugu, bituma abarundi barenga ibihumbi amajana atanu (500.000) bata izabo, batagira icepfo nicaruguru kuko atakintu nakimwe bagifise muvyo bari batunze eka inzara ivuza ubuhuha mumiryango yabo..
Abanyagihugu basozera bavuga bati harakwiye ikintu coza kigarukira k’Uburindi n’Abarundi,, kuko intwaro yagacinyizo nigitugu ya Cnddfdd nabayigize, babandanya guta igihugu c’Uburundi mukaga kadasanzwe.
Rwandatribune.com