Ishirahamwe rihingura ibinyobwa mu Burundi, Brarudi, mu nzira yo guhagarika imirimo yayo yose burundo. Amakuru yizewe dukesha abakozi biryo Shirahamwe,baremeza ko atagihindutse,rigiye guhagarika akazi vuba na bwango.
Mwomenya ko iryo Shirahamwe rihungura ibinyobwa bitandukanye kandi bikunzwe cane mu Burundi, rimaze iminsi rifise ibibazo bikomeye cane.
Ivyo bibazo navyo ahanini bikaba bituruka kuri leta y’uburundi, atagishobora guha amafaranga mvamakungu (dollars) kugira iryo Shirahamwe ribashe kuja kugura ibikoresho mubihugu vyo hanze vya nkenerwa,, ribashe guhingura ibinyobwa bihagije..
Iyo iryo Shirahamwe rihungura ibinyobwa rigiye gusaba amafaranga mvamakungu muri banki nkuru y’igihugu BRB, basigaye bababwira kwatayo bafise,, ahubwo ngo nibagerageze bimenye iyo bayakura..
Ubu rero kumvo zo kubura amafaranga mvamakungu, iryo Shirahamwe Brarudi, kuva kumunsi wambere igenekerezo rya 22/04/2024 ,,ryarahagaritse imirimo myinshi, kumvo zuko leta yabimye amafaranga mvamakungu,kugira bagure ibikoresho mubihugu vyo hanze,, kugira bashobore gutunganya neza akazi bajejwe..
Iryo Shirahamwe rikaba ryaranamenyesheje abanywanyi baryo,ko mugihe hakiri ikena ryamafaranga mvamakungu,boba baryihanganiye kumbogamizi zizoba.
Abakozi bakora muri Brarudi nka bose bakaba baciye bahabwa akaruhuko kunguvu,,(congés forcés) kubera imirimo yabo isa niyahagaze..
Abo bakozi bakaba bafise amakenga menshi ko Brarudi yoba igiye kugara burundo,narirya kuva 2017 hagaragara ibimenyetso ko isa nkiyikora nabi cane,biturutse kuri leta y’uburundi.
Amaku dukesha abakozi ba Brarudi aremeza ko nuwarahagarariye ico kigo akomoka mugihugu ca Hollande,amaze kuva kubutaka bw’Igihugu c’Uburundi, kumvo zuko abona imikoranire na leta niryo Shirahamwe imeze nabi cane..
Ubu mu gihugu cose, ibinyobwa vya Brarudi ntibikiboneka,,eka n’abakozi biryo Shirahamwe babona ko bagiye guhagarikwa mukazi burundo.
NKUNDWA Desire
Rwandatribune.com