Hari umurundi yari yahungiye mu gihugu ca Uganda kuva imvururu zitanguye i Burundi zo kwiyamiriza ikiringo cagatatu cumuhisi petero nkurunziza 2015 , akaba yari yitavye akamo kumukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste ndayishimiye,aho ahimiriza impunzi gutahuka,,, ariko agira amahirwe mabi ashikira muminwe yabakozi biperereza.
Uwo nawe akaba yitwa Irakoze Blaise,yari yahungutse kumunsi wagatandatu igenekerezo rya 04/05/2024 avuye Mugihugu ca Uganda, nimodoka ya agence bita (Friends) iza kumushikana mu Burundi.
Mwomenya ko imbere yuko ataha,yari yabanje kuja muri ambassade y’uburundi muri Uganda,kumenyesha ko ashaka gusubira mu gihugu camavukiro,,.
Ico gihe yaranabajijwe cane n’abakozi ba ambassade y’uburundi igituma yiyumviriye gutahuka,,, ndetse munyuma baramuha nigipapuro kimuha uburenganzira bwo gutaha bwemejwe n’amategeko y’igihugu c’Uburundi.
Blaise irakoze akigera kumupaka wa kobero,yasanze abakozi biperereza bamaze kuhashika, bafise na foto yiwe,,mugihe abagenzura abinjira nabasohoka,bari mukazi kabo bajejwe ko kugenzura abinjira nabasohoka,,niho abakozi biperereza baca binjira muriyo modoka ya agence Friends,baramusohora,baca bamutwara ahantu gushika iyi saha twandika iyi nkuru hataramenyekana.
Umuryango wiwe ukaba utekewe n’ubwoba bwinshi namakenga ko uwabo ashobora kugandagurwa bunyamaswa nkuko bimaze iminsi bikorwa, mugihe abantu bafashwe murubwo buryo.
Desire Nkundwa
Rwandatribune.com