Ubutunzi bw’Igihugu c’u Burundi bugeze aho umwansi ashaka kuko ibisata nka vyose bisa bikora nabi cane.
Aha ni mukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye,aravyivugira aho we anadoma urutoki kubarongoye amashirahamwe amwe amwe,nkaza sosumo,onatel, regideso, OTB, Brarudi eka n’izindi,aho yivugira ko zose zisa nizahomvye burundo….
Ariko abamuzi baravuga ko na Evariste Ndayishimiye ari mubahombesha ayo mashirahamwe, kuko nawe avugwa mu bunyonyezi bwinshi cane.
Iryo homba ryayo mashirahamwe ahanini akaba aturuka kubayobozi bayo, kuko aho guteza imbere ayo mashirahamwe, izo ndongozi ahubwo zishira imbere mu gusahura ubutunzi bwayo mashirahamwe ahanini bishimikije ko bari mumugambwe cnddfdd, ari ba ntakorwako..
Ubuhoho bisigaye ari akamaramaza i Burundi, kuko igitoro (essence) gisa nicabuze burundo,ubu benshi nko mugisagara ca Bujumbura batonda kukazi namaguru burigihe,kumvo zuko imodoka zunguruza abantu zitagikora kubera zabuze igitoro.
Ivyo vyose bikaba biva no kwikena ry’ifaranga mvamakungu mu gihugu, kuko abajejwe kuja kurangura hanze,bank nkuru y’igihugu c’Uburundi “BRB” nayo isigaye ibabwira ngo nibimenye iyo baja gukura ayo mafaranga mvamakungu, kugira babashe kuja kurangura hanze igitoro.
Mwomenya ko amashirahamwe amwe amwe yatanguye gushira abakozi mukaruhuko kunguvu (congés forcé) nka Brarudi, sosumo n’abandi bakozi bo mubisata bitandukanye bamaze amezi arenga cumi badahembwa agashara kabo, twotanga akarorero nkakabakozi bo mugisata kijejwe kugwanya ibiturire (Brigade spéciale anti-corruption) baheruka guhabwa umushahara wukwezi muri 06/2023. Hamwe nabo mugisata cindero bahawe akazi kuva mukwezi kw’icenda 2023 , gushika iyi tarike 7/05/2024 nabo batarigera bahembwa nukwezi na kumwe.
Abarabira hafi ibijanye n’ubutunzi bw’Igihugu c’Uburundi, baramenyesha ko kigeze mumanga idasanzwe yubutunzi,, ahubwo ko igihugu gikeneye indongozi nshasha zizi ico zijejwe, kugira zishobore kuzamura Ubutunzi bw’Igihugu bwongere kwisununura gato….
Abarundi bakaba batakironka nico bavuga bihweje aho umugambwe cnddfdd ugejeje igihugu c’u Burundi ugita mumanga
Nkundwa Désiré
Rwandatribune.com