Amashirahamwe atandatu yiyita ko ategamiye leta y’uburundi, yitwariye igihugu c’Urwanda muri sentare y’ibihugu ya karere ka Afriqua yubuseruko (EAC), ivyo bihugu vyose bihurikiyemwo.
Ayo mashirahamwe yiyita ko ategamiye leta yagiriza URWANDA ko rwashigikiye umuhari Red tabara mugitero cabereye muri zone Gatumba commune mutimbuzi intara ya Bujumbura rural kigahitana abantu barenga 20..
Ayo mashirahamwe asabira indishi yakababaro imiryango yabuze ababo amafaranga angana nimiliyarade zitatu zamadolare ya Amerika..
Ariko abakurikiranira hafi ibibera mu Burundi, bavuga ko ahubwo ivyo bitero vyakozwe nakagwi ka leta y’uburundi,kumvo zo gukwepa ibibazo igihugu gifise no gusamaza abarundi,
Hamwe n’uko leta isa niyabuze ico ifata,ica ihitamwo kwifashisha ayo mashirahamwe akorera mukwaha kubutegetsi, kugira baje kwitwarira igihugu c’Urwanda muri sentare ya karere EAC.
Bamwe mu bakurikirana imanza zibera muriyo sentare ya karere EAC, baremeza ko ayo mashirahamwe ico ashaka ahanini atarizo ndishi zakababaro,, ahubwo ari ingendo bafise,bakoranye n’ubutegetsi bwa cnddfdd,bwo gucafuza igihugu kibanyi c’Urwanda,, kuko murino minsi umubano hagati yivyo bihugu utifashe neza..
Ayo mashirahamwe yitwaye muri sentare ya karere EAC akaba araya akurikira
-Folucon
-FACOPA-Burundi
-Ligue izere ntiwihebure
-ONLCT-où Est ton frère
-PISC-Burundi na
-ABA,,,
Bakaba batwaye ikirego mukwezi gushize kwakane 04/2024.
Mukirego batanze bavuga ko URWANDA rwahonyanze amasezerano agenga umuryango wakarere, mubijanye n’umutekano ,,ayo mashirahamwe akanemeza ko URWANDA arirwo ruhaye indaro abagize umuhari Red tabara.
Umuhari Red tabara wowo urahakana ko udafashwa n’igihugu nakimwe,,nizo manza ataco zibabwiye,, ahubwo bifuza ko hoba amatohoza yimbitse,ataho yegamiye kuvyabaye,, kuko nibitigiri nyezina leta y’uburundi itangaza vyabapfuye ngo atarivyo..
Abashingwamanza ,bama baburanye imanza zitandukanye zo muri sentare ya karere EAC, bavuga ko Imanza nkizo zisaba gushishoza cane no kuzitondera,, kuko bisaba amatohoza yimbitse ahurikiyemwo impande zose zibihugu kandi atanahamwe abogamiye, muntumbero yo kwirinda kugwa mumutego.