Abanyagihugu ba komine Busoni iri muntara ya Kirundo mu Burundi, baravuga ko hamaze iminsi hiyongereye abasirikare n’imbonerakure ku bwinshi kandi bafise n’ibikoho bikomeye ku mupaka w’u Burundi n’u Rwanda.
Hakaba hari n’imyimenyerezo ya gisirikare ibandanya ikorwa n’imbonerakure hamwe nabahoze arabarwanyi ba Cndd FDD.
Iyo myimenyerezo ikaba ibera mu duce twegereye umupaka w,’u Rwanda no mwishamba rya “YANZA” bafise amahiri, udufuni, inkoho eka baririmba indirimbo zivuga ingwano.
Abanyagihugu ba komine busoni cane cane baba muri zone Gatare na Gasenyi, bakaba bamaze iminsi batekewe n’ubwoba, kubera ibiriko bibera murutwo duce babamwo.
Biravugwa ko n’abana b’abanyeshure bamwe batakija kwishure kubera gutinya, ivyo bikorwa vyizo mbonerakure, na cane cane indirimbo zivuga ingwano minsi yose mugatondo no kumugoroba.
Ikindi batinya ni ubwo bwiyongere bw’abasirikare budasanzwe ku mupaka, bikabatera ubwoba bwinshi abo banyagihugu kuko baba bafise n’ibigwanisho bikomeye.
Mwomenya ko iyo myimenyerezo ya gisirikare iriko irakorwa no muzindi ntara zose zihana urubibe n’u Rwanda, nka za Cibitoke, Kayanza.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com