Mangosuthu Buthelezi, umushikiranganji wa mbere kama w’Abazulu, yapfuye ejo itariki 9/9/2023 afise imyaka 95.
Nk’umwe mu bantu bagiye imbere abandi muri poritike ya Afrika y’Epfo mu myaka 50 iheze, yari umukuru w’Abazulu kuva kuntwaro karyanisha miryango y’ivangura rifatiye k’urukoba yo muri ico gihugu yitwa apartheid.
Mangosuthu Gatsha Buthelezi yapfuye mu gatondo ko kuri uno wa gatandatu, inyuma y’indwi zibiri ahimbaje isabukuru yiwe y’amavuko.
Kuntwaro ya prezida Nelson Mandela, Mangosuthu Buthelezi yamaze imyaka cumi ari umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu.
Perezida Cyril Ramaphosa arongoye Afrika y’Epfo avuga ko Buthelezi yari “indongozi ibushitse “.
Ramaphosa agira ati: “Umuganwa Mangosuthu Buthelezi yarabaye indongozi ntagereranywa mu buzima bwa poritike n’imico vy’igihugu cacu, harimwo ivyo twaciyemwo mu rugamba rwacu rwo kwibohora, mu ntwaro mfatakibanza yadushikanye ku bwigenge bwacu mu 1994 hamwe n’intwaro rusangi yacu”.
Umutware Buthelezi yari umutware samuragwa w’Abazulu, ubwoko bwa mbere bwinshi muri Afrika y’Epfo.
Mangosuthu Buthelezi yabaye umushikiranganji wa mbere wa KwaZulu, amamuko y’Abazulu, akaba ari we yatanguje Inkatha Freedom Party, umuhari waharanira poritike n’imico vy’Abazulu. Yatanze imihoho ku burongozi bw’uno mugambwe mu 2019, inyuma y’imyaka 44 awurongoye.
Umutware Buthelezi yaraneguye bikomeye vy’umuhari ANC wa Nelson Mandela mu myaka ya 1980, aho yiyamiriza ingingo yawo yo gushigikira abarwanya ubutegetsi bwa apartheid bakoresheje ibirwanisho, yongera ashigikira ibihano wari wafatiwe n’amakungu.
Ariko yahavuye yifatanya na ANC mu rugamba rwo kurwanya ubutegetsi bwa apartheid yongera yinjira mw’isekeza ryo kurondera gupfunguza Nelson Mandela, mu nyuma yinjira muri reta yiwe y’ubumwe mu 1994.
Freddy NKURUNZIZA
Rwandatribune.com