Mu Burundi abakozi bakorera mu biro bikuru bijejwe kurwanya ibiturire (Brigade spéciale anti-corruption) barataka ko inzara ibamereye nabi eka ubuzima bwabo be n’imiryango yabo babayeho mubuzima bubi cane.
Abo bakozi bavuga bati ntitukigira n’ico tuvuga kuko twarumiwe, kubera ibibazo bibugarije mukazi barimwo kandi bamaze amezi arenga icenda batabona icitwa umushahara bagenewe ku kwezi.
Bemeza ko baheruka guhembwa mu kwezi kwa gatandatu 2023 (06/2023) nayo icibagiwe coco n’uturusho bahora bahabwa kumushahara, twotwo batubatwaye kuva mumwaka wa 2015.
Abo bakozi b’ico kigo bakavuga bati,twaraye twumiwe twumvise amajambo y’agashinyaguro umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye avuze ko abarundi bose babayeho mumunezero udasanzwe, abarundi ngo bose ubu ari abatunzi, ndetse n’uburundi bw’iteguriye gufasha ibindi bihigu bikenye.
Bati ayo majambo ateye isoni nagahinda, kumva avugwa n’umukuru w’igihugu kandi nabo bugarijwe n’inzara idasanzwe, eka banamaze amezi arenga icenda batabona icitwa agashahara kukwezi kandi bakorera iyo leta nyene.
Banasemerera bati nka twese mubakozi bico kigo twarirukanywe mumazu twari dukodesheje,abana bacu barirukanywe mumashure bigishamwo kubera kubura amafaranga yo kwishure,ati ikitakivugwa coco nukuronka ico duhereza umunwa, ahubwo dusigaye tugenda dusabiriza.
Abo bakozi basaba ko Evariste Ndayishimiye yoreka kwama akindaga abarundi bugarijwe n’inzara idasanzwe kubera intwaro mbi ya Cndd FDD, ahubwo agahindura ingendo akitaho ibibazo vy’u Burundi, akavavanura nimvugo mbi.
Mwomenya ko ico kigo abo bakozi bakoramwo mu bisanzwe cari kijejwe kugwanya no guhasha ikintu cose kijanye nigiturire, inyuruzwa ry’itunga ry’igihugu mu Burundi.
Ariko ahubwo umuntu yokwibaza ati ahubwo caje gushigikira abasahura nabanyuruza itunga ry’igihugu.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com