Mu gihe uno munsi wa gatatu igenekerezo rya 01/05/2024 ari umunsi mpuzamakungu wahariwe abakozi kw’isi yose, abakozi ba leta y’uburundi bavuga ko uwo munsi mukuru wabagenewe, ugeze bari mubukene budasanzwe.
Abakozi ba leta nka bose iyi tarike 01/05 yabagenewe igeze batarahembwa agashara kukwezi kugira bashobore guhimbaza uwo munsi mukuru banezerewe.
Mwomenya ko hari n’abakozi bo mubisata bimwe bimwe vya leta bamaze amezi arenga cumi badahembwa agashara kukwezi bamerewe n’amategeko y’igihugu c’Uburundi.
Aha twotanga akarorero nkabakozi bakorera mugisata kijejwe gutuza no kugwanya ibiturire mu Burundi (Brigade spéciale anti-corruption) baheruka guhabwa umushahara wukwezi kwa 06/2023,, ubu gushika iyi tarike ya 01/05/2024 batarasubira kubona agashara kukwezi bari bagenewe.
Akandi karorero nakabigisha bashasha bahawe akazi na leta kuva mukwezi kwa 09/2023 nabo gushika iyi tarike 01/05/2024 batarahembwa nukwezi na kumwe..
Eka abakozi nka bose baridogera leta ko nuturusho bari bemerewe n’amategeko badutwawe twose,,ataninama leta irinze kubagisha, kugira bashobore kumenya ibigiye kubabako…
Abakozi ba leta bo mubisata bitandukanye baramenyesha ko bobo ubu ivyo vyiminsi mikuru basa nabavyibagiye burundo,, kuko umukoresha wabo leta y’uburundi yabibagiye. Eka bavuga bati ahubwo twibera mubukene bukabije,, ntanico tugifise tuvuga,, twarumiwe.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com