Abakozi bo mugisata cihariye co kugwanya ibiturire (Brigade sepeciale anti-corruption) barasaba bashimitse leta y’uburundi ko yokwikubita agashi ikabaha agashara kabo kamezi cumi (10 mois) ibaheraniye.
Abo bakozi bavuga ko buzuye agahinda kenshi, kuko bugarijwe n’ubukene bukabije, bivanye n’uko bamaze igihe kinini bataronswa agahembo kukwezi.
Abo bakozi, ikindi kinabasonga nuko muribo,hariho abafashe amadeni muma banki, bakaba baza barabakata burikwezi kumushahara,ubu rero batakironka agashara kabo,ayo ma banki yoyo aguma ababaharurira, ndetse agashirako nayandi yinyongera yibihano, kubera kutarihira igihe, bivanye namasezerano bafitaniye.
Abo bakozi benshi muribo barirukanywe mumazu, abana babo ntibaciga amashure, kubera kubura amafaranga yishure, ikitakivugwa coco nukuronka ico bahereza umunwa.
Mwomenya ko abo bakozi bo mugisata kijejwe kugwanya ibiturire,bamenyesheje isoko rya Rwanda tribune riri murako gace ko baheruka kuronka agashara mukwezi kwa 06/2023 ,rero ko gushika iyi tarike twandika iyi nkuru 23/04/2024 abo bakozi bakaba batarigera basubira kuronswa nigiceri cijana.
Amaganya n’agahinda nivyo vyugarije iyo miryango yabo bakozi,bico gisata kijejwe kugwanya ibiturire mu Burundi,,aho bivugira bati,ntitukigira ayo ducira nayo tumira twihweje ibiriko bidushikira..
Abo bakozi bico gisata Barasaba bashimitse ko leta yo kwikubita agashi,ikabaronsa ako gashahara kamezi cumi, kugira nabo babone uko bokwikenura,no kuriha amadeni bafashe..
Basozera bavuga bati birateye agahinda kubona umuntu akorera leta adahembwa, kandi abarongizi birirwa baririmba ngo uburundi n’igihugu giteye imbere ndetse kigiye kuza gifasha nibindi bihugu,,kinaniwe no guhemba abakozi babo.
NKUNDWA Desire
Rwandatribune