Abahoze ku rugamba baba mu ntara zitandukanye z’igihugu c’Uburundi barasaba bashimitse ministère ibajejwe ko yokwikubita agashi, ikongera kubaha ubufasha bafitiye uburenganzira bwo kuvuzwa.
Abo bamugariye ku rugamba, bavuga ko batakironka ubuvuzi, bigatuma ubuzima bwabo bubandanya kumererwa nabi caane.
Bavuga ko basigaye baronka ubufasha rimwe canke kabiri mumwaka, kandi bemerewe kubuhabwa incuro zine (4fois/an) mu mwaka.
Bidoga bavuga ko abajejwe ubuserukizi bw’abahoze kurugamba batagishoboye ishingano bahawe.
Abo bahoze kurugamba, baba abahoze mu gisirikare ca leta canke mu mihari igwanya leta (rebelles) bose bavuye muntara zitandukanye z’igihugu babamwo, baza mugisagara ca Bujumbura gusaba ubwo bufasha barekuriwe n’amategeko y’igihugu.
Ubu tuvuga iyi nkuru bakaba bamaze indwi zitatu (trois semaines) i Bujumbura, batararonka nakimwe canke bakirwe bumvirizwe n’ababijejwe.
Bakaba bidogera uwujejwe ibiro vyo kubakurikirana Colonel Nzohabonimana Oscar batazira GISABO, kwariwe nkwezi y’ibibazo barimwo bibandanya gushira ubuzima bwabo mukaga.
Bivugwa ko n’aboba baheruka kuronka ubwo bufasha barekuriwe, baheruka kuburonka mu kwezi kw’icenda (septembre) 2023 nahone baronse ubudakwiye.
Ubwambere Colonel Nzohabonimana Oscar batazira GISABO yababwira ngo ntamodoka yakazi afise, ariko ubu yayironse, akaba arinaho vyabandanije kuba nabi gusumba.
Abahoze ku rugamba bakibaza amafaranga yategekanijwe kubafasha ico ariko arakora canke yoba ariko anyuruzwa n’uwubajejwe colonel Nzohabonimana Oscar batazira GISABO.
Abahoze ku rugamba baratakambira uwo wese abishoboye, ko yobavugira, kugira basubire kuronswa ubuvuzi, nk’uko bitegekanijwe n’amategeko y’igihugu.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com