Mu Burundi aba polisi cane cane bato bato, baridogera indongozi zabo ko zibafashe nabi, Abo ba polisi baravuga ko heheze igihe kinini bafashwe nabi, ku buryo bamwe bibaza yuko n’igihugu gisa nicabibagiye.
Akarorero ni nko mu gihe aba polisi baba bahinduriwe aho bakorera, bakarungikwa gukorera ahandi (mutation), ubu basigaye babwirwa n’indongozi zabo ari kwimenya kugira bashike iyo barungitswe gukorera, mu gihe baba bafise ibintu vyinshi batwara, nkaza matelas, valises, impuzu nibindi.
Abo bapolisi bavuga ko aho hambere iyo bahinduriwe aho bakorera, haba hategekanijwe imodoka zibunguruza, zikabashikana aho bagiye gukorera.
Ariko murino minsi, ivyo ngo ntibikibaho, ubu umupolisi niwe yimenya kandi imodoka ziba zihari, ariko kenshi ziba ziriko zikora imirimo itandukanye y’indongozi mugipolisi.
Ubu abo bapolisi kubera kubura uko biyunguruza, benshi bahitamwo gukoresha amakinga (vélos) bagapakirako utuntu twabo bagafata urugendo, berekeza iyo barungitswe gukorera.
Amakuru dukesha isoko rya Rwanda tribune TV riri muba polisi,baremeza ko ninfungurwa zabo zama zanyurujwe kumugaragaro nizo ndongozi zabo,bakarya rimwe kumunsi nabi eka basigaye bambara n’impuzu zatabutse nibirato,,kubera ubunyonyezi bukorwa naba polisi bakuru bakuru,.
Ikibabaje nuko iyo hagize uwuvuga ico kibazo aca afungwa iminsi cumi nitanu (15 jours d’emprisonnement) munyuma agaca ahindurirwa naho yakorera nkigihano kindi (mutation disciplinaire).
Abo ba polisi barasaba bashimitse ko izo ndongozi zabo zo kwisubirako,zigafata neza abo bajejwe, kuko bariko bateza urubwa,bambika ibara igi polisi c’igihugu c’Uburundi.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com