Umuganga Benjamin Ndagijimana, ubu akaba ari Consul Général w’Uburundi mu gisagara ca Laâyoune muri Sahara y’uburengero, uwo muganga akaba ari umugumyabanga (Cndd Fdd) ukomeye, akaba ari no mu ndongozi zawo, yaraye yivugiye ati: “Numva nokora icigwa, ubushakashatsi ku bwonko, umutwe (cerveau) w’umwe mu barundi bari mu buhungiro, ari mu baharanira agateka ka zina muntu ; azwi kw’Izina rya Pacifique NININAHAZWE.”
Uwo muganga Benjamin ndagijimana,asaba vuba na bwango kuronswa umutwe wa Pacifique Nininahazwe.
Uwo nawe akaba arongoye ishirahamwe ry’igenga (société civile) rihananira agateka ka muntu ry’itwa FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) hamwe na campagne NDONDEZA, imaze igihe itabariza abarundi baba bafashwe niperereza, police, igisirikare eka n’imbonerakure zegamiye umugambwe uri ku butegetsi Cndd Fdd, bagiye kugiriwa n’abi (gutotezwa canke kugirirwa iyicwa Rubozo).
Bamwe bakibaza nimba naho ari umuganga,ko afise ubumenyi bwo kugira ico cirwa. Canke yifuza umutwe wa pacifique nininahazwe,bowumuha akawihweza bamwishe (yagandaguwe).
Iyo mvugo,ikaba yarabaye ingendo yindongozi za Cndd Fdd aho umuntu atavuga rumwe nabo canke avuga ivyo badashaka, aruguca yicwa bunyamaswa.
Mukibuka ko umukuru w’umugambwe Cndd Fdd Reverien ndikuriyo, yigeze kuvuga ko uwuzomuzanira agahanga (umutwe) canke ikiziga (umurambo Mu Kinyarwanda) c’uwitwa Kaburimbi yahoze mugisirikare c’Uburundi azoca amuha imiriyoni zitanu (5millions); budakeye na kabiri baba baramugandaguye ugwagashinyaguro, bamusanze iwe ku rugo.
Abarundi benshi, bakabona ko n’uwo muganga Benjamin Ndagijimana, arivyo ariko yifuriza Pacifique Nininahazwe.
Abanyagihugu, bakaba biyamiriza izo mvugo z’ubwicanyi ndenga kamere zivugirwa ku mugaragaro n’abategetsi b’igihugu hamwe n’indongozi mu mugambwe Cndd Fdd.