Abepisikopi Catholique bo mu Burundi bashikirije inyigisho zihambaye k’umunsi w’IMANA igenerekezo rya 14/04/2024 mu Burundi bwose, aho basaba abategetsi b’igihugu c’Uburundi guhindura ingendo, aho bamenyesha ko bafise amakenga ko igihugu gishobora gusubira kugwa mumanga, kubera uburongozi bubi.
Abo bepisikopi Catholique bakaba basavye ibintu bine bikurikira.
1. Gutsimbataza umwizero mu ntwaro iha ijambo bose, igatunganiriza bose,
Abo bepisikopi bavuze ko intwaro ihari ubu isi niyishingiye ku mugambwe umwe, no gukumira abandi, kandi ivyo bishobora gukwegera akarambaraye u Burundi, nkuko vyashitse muri kahise, aho intwaro zico gihe zarangwa no gukumira abandi no kwigungirako ubutegetsi.
Barongera bati:”Hakenewe intwaro iha ijambo n’ikibanza bose, ndetse na bo badahuje ivyiyumviro vya Politique,,bati murino minsi, abatari mu mugambwe uri kubutegetsi, bafatwa nk’abansi, maze bagakumirwa mu nzego zose z’igihugu”.
2 . Gukomeza inagurwa ry’urwego rw’ubutungane
Abo bepisikopi Catholique, baravuga ko murino minsi,mu gihugu cose hibonekeza imyidogo y’abantu bama barenganijwe n’urwego rw’ibutungane eka n’umukuru w’igihugu yama abivuga,,bati:” ivyo vyose ahanini biva kwitangwa ry’akazi nabi, kuko hatisungwa ubumenyi, ahubwo basigaye batanga akazi bisunze umugambwe, abo na bo aho gukorera Abanyagihugu, baca bakorera umugambwe wabahaye akazi”.
3. Gutsimbataza umutekano ukingira ubuzima kiremwa muntu.
Abo bayobozi ba Catholique bibukije ko umutekano ari itunga rihambaye ku muntu wese, basemerera bavuga bati:”Biteye agahinda kubona hirya no hino hama hibonekeza abantu bagandaguwe bunyamswa, abandi bakaburirwa irengero, ahanini kubera kenshi usanga baba badafise ivyiyumviro bidahuye n’ivyumugambwe uri ku butegetsi, canke izindi nyungu zihariye;”.
Abo bepisikopi barakebura Uwo wese asesa amaraso yabanyagihugu bitekaniye, mu kurondera ivyo asaba ku nyungu z’ivyicaro vya Politique, yobihagarika vuba na bwango.
4. Kubandanya kwitaho ikibazo c’ubukene mu gihugu.
Ku kibazo c’ubukene baravuga ko barajwe ishinga no kubona ubutunzi bw’Igihugu bwifashe nabi cane, kuko hibonekeza iduga rikabije ry’ibiciro ku bintu vyose, ifaranga ry’ Uburundi riguma rita agaciro, ibura ry’igitoro eka n’ibindi vyinshi vya nkenerwa mu buzima bwa minsi yose.
Abo bepisikopi barasaba ko hokwirwa vyimbitse, hakaba ibiganiro hakongera hagasuzumwa ingene u Burundi bwova muri ubwo bukene.
Ku bijanye n’ubunyonyezi bwama bw’ibonekeza mu bategetsi b’igihugu, abo bepisikopi Catholique, basaba bati:” Kugira haboneke amahoro mu mitima y’Abarundi, abantu bave mu mwiheburo, n’ivyiza ko itunga rusangi, rikoreshwa neza kuri bose, rigacungwa neza n’inzego zibijejwe.
Nayo abanyonyezi bakadomwako urutoki bagasubiza ivyo bivye, bakongera bagahanwa bimwe vyakarorero, ku buryo bibera icingwa abari bafise ako gatima”.
Desire NKUNDWA
Rwandatribune.com