Abakozi ba leta y’u Burundi ahanini bagizwe n’abarimu baheruka guhabwa akazi, barataka inzara ivuza ubuhuha mu miryango yabo kuko batarahembwa agashara kabo k’amezi menshi.
Abo bigisha batanguye akazi mu kwezi kw’icenda 2023 (09/2023), ariko kuva batanguye akazi batarahembwa n’urufuranga na rumwe gushika iyi tarike 16/04/2024.
Abo bakozi bamenyesha ko igihe batangura akazi bihutiye gutanga dosiye zabo zose zisabwa mu bushikiranganji bw’Indero begukira, bazi yuko batazorenza amezi abiri canke atatu batarahembwa, none ngo bagiye kumara amazi umunani badahembwe n’igiceri c’ijana.
Abo bigisha barituye ubushikiranganji bubajejwe, basaba ko boronswa agashara kabo, kuko babayeho nabi cane, bugarijwe namadeni,hari nabamaze gusohorwa mumazu bakodesheje, kukubura amahera yukwishura,nayo icibagiwe coco ngo nukuronka ico bahereza umunwa.
Ubwo bushikiranganji bw’indero bwari bwabijeje ko bagiye guhembwa,bitarenze intango zukwezi kwagatatu 2024 (03/2024), ariko gushika iyi saha twandika iyi nkuru 16/04/2024 akaba atani giceri nakimwe bararonka.
Abo bigisha barasaba bashimitse leta y’uburundi ko yokwikubita agashi ikabahemba agashara kabo kamezi menshi babaheraniye, kugira banashobore gukora akazi bamerewe neza,, kuko muri bino bihe babayeho mubuzima bubi bidasanzwe ubukene eka inzara ivuza ubuhuha muribo.
NKUNDWA Desire
Rwandatribune.com