Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa leta ya Gitega, Generali Alain-Guillaume Bunyoni yasabiwe n’umushikirizamanza gufungwa burundu, mugihe abo basangiye urubanza basabiwe imyaka 30 yo gufungwa
Mugihe wewe asaba kwambikwa izera, umushikirizamanza yasavbiye umunyororo w’ubuzima bwiwe bwose Alain-Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa reta y’Uburundi.
Hari mw’isozerwa ry’urubanza rwari rumaze iminsi ine ruburanishwa na Sentare Ntahinyuzwa mw’ibohero rikuru rya Gitega.
Generali Bunyoni yagirijwe n’umushikirizamanza ivyaha indwi birimwo kugerageza kwica umukuru w’igihugu, gutembagaza inzego z’igihugu no guhungabanya ubutunzi bw’igihugu.
Alain-guillaume Bunyoni wewe yasavye kwambikwa izera akarekurwa akidegemvya, avuga ko umushikirizamanza ata vyemeza yigeze azana vyo kwerekana ingene yakoze ivyo vyaha yagirizwa.
Abantu batandatu bagirizwa hamwe na Generali Bunyoni nabo basabiwe ibihano vyo gupfungwa imyaka 30 umwe umwe.
Ariko na bo nyene basavye kugirwa abere bavuga ko ata cemeza ivyaha bagirizwa umushikirizamanza yerekanye.
Urwo rubanza rukaba ruzosomwa mu minsi 30 na Sentare Ntahinyuzwa y’Uburundi
Freddy NKURUNZIZA