Umukuru w’igihugu c’u Burundi Evariste Ndayishimiye yirirwa aririmba avuga ko igihugu c’u Burundi arongoye cateye imbere, ndetse ngo citeguriye no gufasha ibindi bihugu bikenye.
Ariko abanyagihugu arongoye bobo siko babibona, ahubwo bavuga bati amajambo yirirwa avuga ateye isoni n’agahinda, ndetse bagasaba ahubwo ko hoba abaganga b’abahinga bo musuzuma kuko bibaza ko yoba afise ikibazo gikomeye.
Bati twihweje ukuntu amabarabara makuru makuru nka yose ingene atakiri nyabagendwa, kubona igitora ari nko guhiga umuzi w’ibuye ikitakivugwa coco ngo nukuronka umuriro ( électricité).
Akarorero ka hafi, naki barabara rikuru rigira gatanu (Route Nationale numéro 5 RN5) , rihuza irija muntara ya Cibitoke hamwe nibarabara rikuru ryicenda (Route Nationale numéro 9 RN9) yononekaye burundo, bisa nkaho atakiri nyabagendwa.
Abakoresha ayo mabarabara barasemerera, batabaza ko hoba ubuvugizi bw’ihuta kugira ayo mabarabara asanurwe yongere kuba nyabagendwa.
Abanyagihugu baridoga cane ko imiduga yabo yama yononekaye bidasanzwe iyo baciye murayo mabarabara, imodoka zabo bigatuma zama muma Garage automobile, ivyo navyo bigatuma bama bakorera guhomba bidasanzwe eka benshi bakora ubuzi bwo gutwara abantu n’ibintu murivyo bice, bamaze kubihagarika, kukwanka kwama bakorera guhomba.
Abanyagihugu basozera bakebura leta y’uburundi ko ikwiye kwisubirako kuko abarundi bari mubuzima bubi bidasanzwe, ubukene mubanyagihugu buvuza ubuhuha kubera intwaro mbi.
Bati aho kwirirwa bavuga ibitarivyo babesha kumugaragaro ibintu biboneka, ahubwo bakwiye guhindura ingendo bagakorera igihugu n’abanyagihugu bakavavanura nukwirirwa basahura itunga ry’igihugu.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com