Amabarabara makuru makuru yo mugihugu c’u Burundi nka yose ageze aho umwansi ashaka, kuko ageramiwe no gucika mu bice vyinshi, eka imodoka nini nini zitagishobora kuyacamwo..
Aha twotanga nk’akarorero kibarabara rikuru rigira gatatu (Route Nationale numéro trois RN3) rya Rumonge, risa niryacitse burundo, kuko imodoka nini zitakihaca eka na ntono iyo imvura iguye,nazo badakunda ko zirengana, iryo barabara rikaba ryacikiye bikomeye mu duce tw’imitumba ya Rimbo na Mvugo muri Komine Nyanza-lac.
Akandi karorero nakibarabara rikuru ryindwi (Route Nationale numéro sept RN7) Bujumbura -ijenda ryari risigaye ariryo bakoresha,,naryo kuva kumunsi wakabiri igenekerezo rya 09/04/2024 ritari nyabagendwa,,ryabomotse,, ndetse bagerageje gukora ubutabazi kugira rikore ariko bitaba kuwamazi, gushika kumugoroba wo kumunsi wakane igenekerezo rya 11/04/2024..
Iryo barabara ryononekariye bidasanzwe aho bita kuri Nonoka muri Komine Mukike iri mu Ntara ya Bujumbura rural.
Abakoresha ayo mabarabara bavuga ko bari guhomba bidasanzwe,kuko nkubu bamaze iminsi itatu baparitse aho ryacikiye, badakora,,barindiriye icokorwa ngo risubire kuba nyabagendwa..
Abanyagihugu bagashavuzwa namajambo umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste ndayishimiye n’abo bafatanije kurongora igihugu,birirwa baririmba ngo uburundi n’abarundi bateye imbere,ngo babayeho mumunezero udasanzwe,, kandi ibisata vyose vyigihugu bisa nkaho bitagikora, bisigaye ari akayobera bahinga.
Abarundi barasaba bashimitse ko leta yovavanura namajambo yagashinyaguro,,igatangura ibikorwa biteza imbere igihugu c’Uburundi nabanyagihugu,kuko muri bino bihe abarundi bugarijwe n’ubukene bukabije, inzara ivuza ubuhuha mumiryango nka yose,kandi ivyo vyose bikaba bituruka kubuyobozi bubi bwa CNDDFDD
NKUNDWA Desire
Rwandatribune.com