Amashirahamwe y’indege zikorera mu Burundi yaraye amenyesheje ko kuva uno musi kuwa gatatu amafaranga y’amarundi atemewe mukugura amatike y’indege zayo.
Ama compagnies y’indege zikorera mu Burundi yamenyesheje ko adasubira kwakira amafaranga y’amarundi ni Rwandair, Kenya Airways, Ethiopian Airlines na Brussels Airlines.
Ayo mashirahamwe canke izo “compagnies”, zandikiye abo bakorana mu Burundi ko guhera uno musi itariki 27.9.2023, amatike yazo ategerezwa kugurishwa mu madolari. Hari izongerako ko bishoboka kugurisha amatike yazo mu mafaranga y’abanyaburaya, ama “Euros”.
Bukaba atari ubwambere ubutumwa nk’ubwo busohotse. Nkuko bamwe babivuga, ingingo nkiyo ifatwa kenshi mu gihe ifaranga ry’Uburundi riba ririko rirata agaciro, maze izo ndege zigatinya guhomba hamwe zobandanya kugurisha amatike mu mafaranga y’amarundi. Ingingo nk’izo kandi zifashwe bihora bituma abagura amatike y’indege mu Burundi bagabanuka cane.
Aho Prezida Ndayishimiye n’abarongoye ibanki nkuru y’igihugu “BRB” batangaza umugambi wo guhindura amafaranga bari bemereye abarundi ko ifaranga ry’Uburundi rizoca rigira agaciro.
Mu mwanya wa mbere, vyasa n’ibigiye mu ngiro, mbere BRB itangura kudandaza amadolari ku mabanki kugira amafaranga mvamakungu ntasubire kubura, kugirango kandi BRB ikurikirane neza uko agaciro k’ifaranga gahinduka.
Intumbero kandi ya Prezida Evariste NDayishimiye y’uko abantu boheba kubika amafaranga mu mazu isa n’iyabaye impfa gusa kubera abantu bataronka amafaranga yabo mu mabanki uko bavyipfuza. Abadandaza bavuga ko bashima kwigumizako amafaranga menshi kubera bayajanye muri banki bitoroha kuyasohora.
Prezida Ndayishimiye akaba yari yavuze ko kunyegeza amafaranga muhira vyari mu mugambi w’ibihangange vyagomba kumutembagaza, aho havuzwe cane Général Alain-Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere. Aha ariko ntawuzi ko yoba yari Bunyoni wenyene, na cane cane ko iryo faranga ry’uburundi ribandanya guta agaciro.
Freddy NKURUNZIZA