Imvugo ya président Evariste Ndayishimiye na Reverien Ndikuriyo umukuru w’umugambwe Cndd FDD,ko kwiga amashure ataco bikimaze yatanguye kwitabirwa n’urwaruka mu ntara zitandukanye z’igihugu c’Uburundi.
Iyo mvugo y’umukuru w’igihugu hamwe n’uwurongoye umugambwe Cndd FDD, yatumye urwaruka rwinshi rutangura guheba amashure ku rugero rudasanzwe.
Abo bategetsi, bamaze iminsi bazunguruka intara z’igihugu bahimiriza urwaruka, abavyeyi ko kwiga amashure muri kino gihe ataco bikimaze n’agato, ahubwo ari gutakaza umwanya wubusa.
Izo ndongozi zihimiriza, urwaruka abavyeyi kw’ijukira kurima, kworora ibikoko bitandukanye, na cane cane ingurube, insazi, inkwavu, ngo nivyo bizotuma biteza imbere, bakanateza imbere igihugu c’Uburundi.
Abo bategetsi, barongera bakabahimiriza kw’iga imyuga ko yoyo idatwara igihe kinini, kugira ngo iterambere ry’ihuse ntirizobasige.
Izo mvugo zatumye urwaruka rwo mu ntara zimwe zimwe, rutangura guheba amashure ku rugero rudasanzwe (abandon scolaire).
Akarorero nko mu ntara ya RUTANA, aho uwurongoye indero muriyo ntara (DPE) CISHAHAYO avuga ko kuva igice c’ambere c’umwaka w’ishure 2023-2024 giheze, hamaze guheba ishure abana bagera kuri 4511(4511 élèves) harimwo abigeme bangana 1422(1422 filles).
-Muri commune Bukemba hamaze guheba ishure abana bagera kuri 1645 , harimwo abigeme bangana 252.
-Commune Giharo hamaze guheba ishure abana bagera kuri 1278 harimwo abigeme bangana 520.
-Commune Gitanga hamaze guheba ishure abana bagera kuri 485 harimwo abigeme bangana 190.
-Commune Rutana hamaze guheba ishure abana bagera kuri 454 , harimwo abigeme bangana 199.
-Commune Musongati, hamaze guheba ishure abana bagera kuri 363 , harimwo abigeme bangana 140.
-Commune Mpinga-kayove hamaze guheba ishure abana bagera kuri 286 harimwo abigeme bangana 121.
Amakuru ya duhabwa nisoko ya Rwanda tribune TV ari muntara ya RUTANA, avuga ko abavyeyi n’abarezi batanguye kugira ubwoba,kubera n’abigeme n’abo batanguye guheba ishure kurugero rudasanzwe kandi,vyahora bizwi kubana babahungu rimwe na rimwe.
Abashakashatsi muvyindero mu gihugu, bavuga ko atagihindutse muburongozi, kazoza kigihugu mubijanye n’uburezi kari mukaga kadasanzwe.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com