Ibanki nkuru y’igihugu yaraye itegetse amabanki yose, uwahoze ari umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni afisemwo amafaranga kuyahagarika, ko atanumwe arekuriwe kuyakura kuma konte ariko.
I banki nkuru y’igihugu mu burundi iherutse gufata ingingo yo guhagarika amakonte yose ya Alain-Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere wa reta ya Gitega.
Ikete ry’umukuru wa banki nkuru y’igihugu BRB ritegeka amabanki n’amazu yo kuguranana kudasubira kwemera ko hari ikintu na kimwe gikorwa ku makonti ya Alain Guillaume Bunyoni ryasohotse ku musi wa kabiri w’iyi ndwi.
Ni inyuma yaho umushikiriza manza kizigenza wa repubulika arungikiye urwandiko uwurongoye i banki nkuru y’igihugu amusaba guhagarika amakonte yose ya Bunyoni. Muri urwo rwandiko, umushikirizamanza kizigenza yasiguye ko ari kbera amatohoza ariko arakorwa kuri uyo yahoze arongoye reta.
Iyo ngingo ije kandi ikwirikira ihindurwa ry’inoti za 5.000 na 10.000. Prezida Evariste Ndayishimiye akaba yatangaje ko ari umugambi wo guhasha akarwi k’abantu bivye igihugu bakayabika mu mazu.
Fréddy NKURUNZIZA