Mu Burundi, hamaze iminsi hibonekeza iduga kumpande zose zamazi yikiyaga ca Tanganyika kurugero rudasanzwe. Abafise amazu, imirimo, mubice vyegereye ico kiyaga bari mu gahinda numubabaro bidasanzwe, kuko imirimo yabo myinshi yakorerwa murivyo bice Ubu yahagaze, kuko inyubakwa zatewe namazi kuburyo atamuntu agishobora gushikayo ngo aharangurire imirimo.
Abahinga mubijanye nibidukikije (les experts en environnement) baravuga ko atagikozwe muntumbero yo gukinga vyihutirwa, muminsi irimbere ico kiyaga ca Tanganyika kizobandanya kuziduga ku rugero rutari rumenyerewe ndetse hononekare nibintu vyinshi cane.
Inyubakwa zambere zibangamiwe,n’ikivuko ca Bujumbura, nk’uko abakozi baho babitumenyesha,kuko ubu izo nyubakwa zabo Ubu zuzuye amazi nindani mumazu.
Eka namabarabara yegereye ico kiyaga ca Tanganyika yuzuye amazi ku buryo ata modoka zikiharengana eka n’abanyamaguru bitagikunda ko bahaca.
Ikindi gice kimaze kwibonekezamwo iduga rikabije ryayo mazi, ni muri karitiye Asiatique zone Rohero komine mukaza, aho amazu menshi yatewe namazi eka nabayabamwo bamaze kuyavamwo.
Ahandi ni muri zone kibenga komine muha, mu gisagara ca Bujumbura, naho amazu menshi yegereye ico kiyaga ca Tanganyika nabo bataye baromoka kubera batewe namazi mumazu yabo.
Hari nikindi kivuko kiri muntara ya Rumonge naco catewe nimyuzurira yikiyaga Tanganyika, imirimo yahakorerwa ikaba isa niyahagaze nka yose, kubera ayo mazi.
Muri komine mutimbuzi intara ya Bujumbura rural mubice vya karitiye mushasha yambere iyakabiri be na kajaga, naho abanyagihugu baho baratewe niyo myuzurire,,bituma bata amazu babamwo baromoka, eka namashure yo murivyo bice akaba yarashikiriwe, abanyeshure bimurirwa kwigira ahandi..
Iryo duga ryamazi yikiyaga ca Tanganyika ryatumye imirimo myinshi ihagarara na cane cane abakorera ahegereye ikiyaga, imiryango yimutse kubera imyuzurire yamazi, vyatumye ubuzima bwabantu benshi buja mukaga n’ubukene bukabije..
Barasaba leta y’uburundi ko yogira akigoro igakora ibishobotse kugira hakingirwe inyubakwa zitarashikirwa n’iyo myuzurire ituruka kukiyaga ca Tanganyika