Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi, bararajwe ishinga n’amazu yabo abandanya abomoka ku rugero rudasanzwe bitewe n’ikimanga gicamwo amazi y’uruzu Muha. ivyo navyo bigashira ubuzima bwabo n’imiryango yabo mu kaga kadasanzwe.
Bakidoga bavuga bavuga bati, kubona barashoboye kugura ikibanza, ukabacubakamwo mu gisagara ca Bujumbura, aba ari igikorwa kitoroshe, na rirya benshi baba basavye amadeni muma banki.
Bakababazwa n’iryo senyagurika ry’amazu yabo, kandi badasiba gutanga imisoro, eka bakabona ko abajejwe gutunganya no gutegura gisagara ca Bujumbura basa n’ababivuyemwo.
Ikinabatangaza n’uko abategetsi birigwa baririmba mu manama muma radiyo na télévision ngo igihugu kiri ku muvuduko mwiza w’iterambere, kandi ngifise n’imbono nziza ya 2040-2060.
Bamwe bakibaza nimba bazobigerako, igisagara ca Bujumbura amazu nka yose yarabomotse, ikitavuzwe coco ni kuronka umuyagankuba no kubona amabarabara meza i Bujumbura.
Muminsi iheze twaberetse ingene amazu yo muri zone Gihosha mu gisagara ca Bujumbura aguma abomagurika kurugero rudasanzwe.
Ubu naho reka tubereke uko amazu aguma abomagurika muri karatiye gasekebuye, iri muri zone musaga komine Muha mugisagara ca Bujumbura.
Aho amazi aturuka kuruzi mpimba aguma yiyagurira, agasatira amazu yabanyagihugu, bigatuma abomoka kubwinshi.Amazu amaze kubomoka muri gasekebuye arenga mirongo itanu nazitanu (55 maisons détruites complètement).
Abanyagihugu bakabona ko leta y’u Burundi ititaye ku neza yabo itwara, kuko basemereye kera kugira amazu yabo akingirwe, eka n’ubuzima bwabo, ariko ataco bigeze bakora. Ubuzima bwabo baba muri karatiye Gasekebuye buka buri mu kaga kadasanzwe.
Nkundwa Desire
Rwanda tribune.com