Mu Burundi, muri komine Matongo, intara ya Kayanza, abigisha bose bategekwa kwinjira mu mugambwe Cndd Fdd.
Bakaba bahawe n’itegeko ryo kwama baja munama z’umugambwe zitegekanijwe kuminsi yose yo kuwagatandu (tous les samedi).
Bazigishwa intumbero n’imigambi y’Umugambwe Cndd FDD, kugira nabo bazoce baza baravyigisha abana mumashure bigishamwo.
Hakaba hategekanijwe n’ibihano, ku mwarimu wese yohirahira ngo ntazitabire izo nyigisho.
Ivyo bihano ni nko kwirukanwa mu kazi, kurungikwa gukora ahandi (mutation disciplinaire) ,kwagirizwa ko akorana n’imihari y’iterabwoba nka Red Tabara.
Abo bigisha bakibaza nimba bazoca baheba gutanga inyigisho bajejwe zo gutanga ubumenyi murwaruka.
Ikinababaza nuko banategekwa kwigisha politique abana bakiri bato, bafise imyaka iri hagati yicenda (9ans) na cumi natanu (15ans)
Amashure yahora arayo gutangirwamwo ubumenyi,uburezi,none leta y’uburundi yayahinduye,ikirimbiro nivyiyumviro vya Cndd Fdd gusa.
Abarimu bakabona ko ubumenyi bwo muri commune matongo kubana muri mukaga kadasanzwe, kandi bwanasubiye inyuma.
Abahimiriza ivyo bigayitse harimwo n’indongozi muri komine,nkuwujejwe indero muri komine matongo Ryumeko Gilbert afatanije na musitanteri wiyo komine Alice Nsabiyumva.
Abavyeyi nabo barezi, barasaba ko ivyo bintu vyohagarara vuba na bwango, kuko biriko vyica indero yurwaruka be na kazoza kigihugu c’Uburundi.
Nkundwa Desire
Rwandatribune.com