Abanyagihugu bo muri commune n’intara ya Kirundo mu Burundi, bariyamiriza ingendo z’abarongoye umugambwe Cndd Fdd bariko babategeka.
Abo banyagihugu bategekwa gutera ibitoke ku mabarabara (routes)agize imitumba yose ya commune be no gutanga amafaranga ava kugihumbi (1000fb) kugeza kuri bitanu (5000fb) bivanye n’ubushobozi umwumwe afise.
Ivyo bitoke babitera muntumbero yo gusanganira umukuru w’umugambwe Cndd Fdd muriyo commune ya Kirundo azwi kw’Izina rya HABONIMANA Tito.
Ngo mu nteguro nshasha yuwo mugambwe, n’iyo kugendera abanyagihugu bo ku mitumba yose ya commune kirundo.
Ikinababaza abo banyagihugu, nuko bategekwa, gutera ibitoke kunguvu, bimwe bakabirandura mu mirima yabo,bakongera bagategekwa no kuja kumwakira ku nguvu.
Abo banyagihugu, baridoga cane, kuko bababuza gukora imirimo yabo ya minsi yose yo kwibeshaho, narirya basanzwe babaye mubibazo vyubukene bimwe bidasanzwe.
Bakaba batanatahura, aho umuntu umwe rudende, ashobora kuguma ahungabanya ubuzima bwabo, indongozi ntihagire nakimwe zibikorako..
Abanyagihugu bo muri commune n’intara ya Kirundo bariyamiriza ingendo yiyo ndongozi y’Umugambwe Cndd Fdd HABONIMANA Tito,bagasaba musitanteri na buramatari kubihagarika vuba na bwango.
Nkundwa Desire
Rwandatribine.com