Abantu 2 barapfuye, abandi 3 barakomereka cane, amazu n’imirima biratwarwa n’imvura ivanze n’umuyaga w’igihuhusi hamwe n’urubura yaguye muri iyi ndwi turiko turasozera muri komine Mugina intara ya Cibitoke, m’uburaruko bushira uburengero bw’Uburundi.
Ababibonye bavuga ko ibintu n’abantu vyononekaye ku mitumba ya Kagurutsi na Nyamihana kubera iyo mvura y’isegenya.
Nkuko amakuru ava mu bajejwe intwaro kumitumba abivuga, imvura yarabomoye inzu imwe, abantu babiri barapfa abandi batatu barakomereka cane baguweko n’imisozi yasidaguritse.
Ayo makuru nyene avuga ko imirima y’imyumbati n’ibitoke yononywe n’iyo mvura ivanze n’umuyaga w’igihuhusi.
Abjejwe intwaro muri komine Mugina baremeza ayo makuru, bakavuga ko bagiye gukora urutonde rw’ibikenewe kugira ngo rujanwe mu bushikiranganji bwo gushigikirana mu ntumbero yo gusaba imfashanyo ku bahuye n’ivyo vyago.
Freddy NKURUNZIZA