Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA, ryatanguje icese mu Burundi umugambi wa ryo udasanzwe uzwi nka “football for schools” ni ukuvuga, umupira w’amaguru ku mashure.
Uburundi bubaye igihugu kigira 100 kw’isi umugambi “football for schools” ushitsemwo kuva utanguye muri 2019. Werekeye ahanini abana bari mu mashure.
Ibirori vyo kuwutanguza Vyabereye muri komine Buganda, intara ya Cibitoke, mu burengero bw’Uburundi, kuri uyu wa gatandatu itariki 21 ukwezi kw’10 umwaka w’2023.
Bikaba vyari bihagarariwe n’intumwa zidasanzwe za FIFA zari zirongowe na Gianni Infantino, arongoye iryo shirahamwe.
Ishirahamwe FIFA rimenyesha ko rifadikanije na UNICEF hamwe n’indongozi z’igihugu, rigiye gushigikira no guteza imbere ibikorwa bijanye n’inkino z’umupira w’amaguru mu mitumba yose igize Uburundi no mu mashure.
Nk’uko biri ku rubuga rwa FIFA, umugambi “football for schools” ufise intumbero yo gufasha abana bagera ku miriyoni amajana indwi kw’isi, mu kubaha inyigisho no mu kubaronsa ivya nkenerwa bijanye n’umupira w’amaguru, hatibagiwe imipira yo gukina.
Mugihe uburundi muri kino gihe buharurwamwo abantu bashika imiriyoni 7, icigwa cakozwe n’ishirahamwe ryitaho indero kw’isi, UNESCO, muri 2020, cerekana ko mu Burundi ibice birenga 60 kw’ijana vy’abanyagihugu bafise imyaka iri musi ya 25.
Iryo shirahamwe rigasigura ko abo ari bo bategerezwa kuba bari kw’ishure no mu masomero atandukanye.
Gushira umugambi “football for schools” mu ngiro mu Burundi, bizotuma rero FIFA rishobora kubona no gutora muri iryo sinzi ry’abana bo mu mitumba yose, abafise impano zijanye no gukina umupira w’amaguru, gutyo batezwe imbere hakiri kare.
Freddy NKURUNZIZA